Inyuma yaho FIBA Afrique yandikiye ishirahamwe ry’umupira w’amaboko mu Burundi (FEBABU) rya basketball ribamenyesha ko iryo Shirahamwe ribaye rihagaritswe vyagateganyo, mu imvo z’uko ishirahamwe FEBABU ryankiye abakinyi b’umurwi wa Dynamo gukina bambaye impuzu zanditseko Visit Rwanda, mwihiganwa rya BAL4 ryariko ribera muri Afrique du Sud mu kwezi kwa 03/2024.
Kuri ubu Umukuru w’ishirahamwe rya Basketball mu Burundi FEBABU, Apôtre Jean Paul Manirakiza, ahejeje gutanga urwandiko yashitseko umukono rwemeza ko atanze imihoho muri ubwo burongozi kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 19/04/2024.
Uwo mugabo atanze imihoho mu myuma y’uko hari hamaze iminsi icuka kibi muri iryo Shirahamwe, bamwagiriza ko aboheye amaboko i mugongo urukino rwa basketball mu Burundi be na kazoza n’iterambere k’inkino mu rwaruka rw’igihugu, eka hari hanamaze hafi umwaka atanamahiganwa atunganywa mu gihugu..
Eka no mubo barikumwe mu burongozi, bari bamaze iminsi batanga imihoho agasakisaki, kubera uburongozi bubi bwarangwa muri FEBABU, ikindi nuko Harangwa inyuruzwa ryamafaranga menshi na Apôtre Jean Paul Manirakiza muri iryo Shirahamwe.
Abakunzi ba basket mu Burundi, bavuga bati: “Naho atanze imihoho, hasigaye ikibazo gikomeye cane, kuko agiye asa n’uwuhamvye umukino wa Basket burundo mu Burundi, kuko abakinyi benshi bakomeye hamwe nabamenyereza bamaze kwigira mu mirwi yo hanze cane cane mu gihugu kibanyi c’U Rwanda na RDC, ikindi nuko batabona n’ingene bazisigura ku makosa adasanzwe agiye akoze, mu kwankira abakinyi ba Dynamo gukina bambaye impuzu yanditseko Visit Rwanda, mwihiganwa rya BAL4 ryari ryateguwe na FIBA Afrique mu kwezi kwa 03/2024 ryariko ribera mu gihugu ca Afrique du Sud.
Rwandatribune.com