Aba polisi b’uburundi bamaze igihe kinini bidoga bavuga ko bafashwe nabi n’indongozi zabo kurugero rudasanzwe.
Abo ba polisi baramenyesha ko bamaze igihe kinini bafungura nabi cane,ab enshi basigaye bafungura rimwe kumunsi, ntibakigira imyambaro ikwiye yakazi nibindi bikoresho vya nkenegwa.
Baremeza ko ico kibazo bagishikirije umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’umutekano Martin Niteretse, bavuga ko haheze umwaka urenga abizi, ariko gushika nubu ntanyishi nimwe bararonka..
Icaje kibasonga murino minsi,ni amafaranga bakatwa kumushahara wabo buri kwezi ya “”Assurance vie ” yategerezwa guca aja mwishirahamwe Socabu, rijejwe guteganiriza kazoza abakozi,, ariko ayo mafaranga nayo haheze amezi arenga atanu batayabashirira muriryo Shirahamwe, kandi bama bayakatwa burikwezi..
Ubu abo ba polisi batakirihirwa ayo mafaranga ya assurance mwishirahamwe Socabu,, vyababujije uburusho bwinshi bari barekuwe n’amategeko y’igihugu c’Uburundi..
Aba polisi bari bemerewe n’amategeko y’igihugu gusaba ingurane muriryo Shirahamwe Socabu,kandi bikananyaruka,, ariko ubu bisigaye ari ikibazo gikomeye.
Ubwambere bagiye gusaba ingurane,vyamara umunsi umwe gusa,iryo Shirahamwe Socabu rikaba rirabaronkeje iyo ngurane basavye.
Ariko ubu batakirihirwa ayo mafaranga kugihe muriryo Shirahamwe,iyo bagiye gusaba ingurane,babwigwa ngo nibabe barindiriye,,bakarindira,bakishuza amaso agahera munzira….
Aba polisi bakaba badatahura ukuntu amafaranga yabo bakatwa kumushahara burikwezi adashikira iryo Shirahamwe Socabu kugihe,,, ahubwo bobo babona ko ari ubusuma nubunyonyezi bukabije bukorwa n’indongozi zabo.
Nkundwa Désiré
Rwandatribune.com