Hari abasirikare b’ Uburundi bari muri RDC baraye batwandikiye umubabaro wabo. Mu gihe buri kwezi bahora bahabwa amadolari 50 yo kubafasha kwibeshaho mutwo bakenera, hari bamwe baherutse kuyaronka n’abandi bataronse, cane cane bataillon ya gatandatu TAFOC, n’izindi bataillons zibiri ziri muri Sud-Kivu.
Mu ntumbero yo gufakafuka ko abo basirikare bataronse uburyo bwabo, abandi basoda bariko basabwa gusinyira amadolari 100 kandi bahawe 50, mu ntumbero yo kwerekana ko habaye ukwihenda vyatumye abandi bataronka!
Umwe mu basirikare yandikiye Rwandatribune ati:”Turakuramukije. Ubwambere twipfuza kugushimira kuko umusoda wese w’umurundi ari muri Congo arazi ico wamufashije. Kuba wagumye usemerera ibijanye nk’akarenganyo dukorerwa vyatumye abatwara igisirikare bikubita agashi bakagira ico bahinduye.
Twagomba tugusabe ntuze ucike intege kubera abagutuka, vy’ukuri umenye ko ikintu cose wanditse cerekeye abasoda bari muri Congo abategetsi bagiye baragikorako.
Ntibazigera bemera ko babikoze kubera wavyanditse ariko twebwe turazi agaciro kawe n’ico watumariye. Ndabisubiyemwo : ikintu cose wanditse kijanye n’ingene tubayeho, carabateye ubwoba baragikorerako, mbere hari n’abari badutwara bagiye barakurwa kubera amanyanga yabo washize ahabona.
Kenshi Abarundi ntibibuka gushima iyo ubagiriye neza, nukuri bimenye ko wadufashije cane. Ivyo wandika vyaragize inguvu ku buryo baca batwaka amatelefone ngo tureke kuguma tubisoma kandi tureke kuguha amakuru. Ariko baribesha, turabimenya.
Jewe ndi mu basirikare bambere barungitswe muri Nord-Kivu kugwana n’ umuhari wa M23. Ndi mu basoda bahagorewe bikomeye, turi muri 6Bn Tafoc. Muribuka bamwe bapfa ubwambere bari kumwe na Major Gashirahamwe. Ubu abasirikare barandikiwe amadolari 50 ku kwezi dukoresha ino.
Ariko amezi atatu ya mbere ntitwaronse na mba, batubwiye ngo yari stage ! Mwumve iryo bara ngo yari stage n’amabi twahaboneye, abatari bake bakanahapfira. N’ubu turacasaba ngo baduhe utwo dufaranga, baranse kutwumva.
Ibiriko biraba ubu navyo vyaduteye isoni. Bataillons ziri muri Nord-Kivu zarahawe ayo madolari 50, kiretse bataillon ya 6. Amabataillons ya TAFOC ari muri Nord-Kivu ni 5, 6, 7, 8, 9, 10, 11, 12 na 13. Abo muri 6Bn ariko baheruka gukurwayo bajanwa i Bukavu, Kamanyola, Itara, Birava n’ahandi henshi muri Secteur ya Bukavu. Hasanzwe hariho izindi bataillons zibiri (3 na 4) ziri muri Sud-Kivu, hariya mu bice vya Nzabampema.
Ikintu rero kibabaje nuko amabataillons ari muri Sud-Kivu atahawe aya madolari 50, abeshwa ngo haje ayadakwiye, hanyuma haduka amanyanga yo gusaba abari muri 5Bn TAFOC basanzwe baronse 50 dollars ngo basinyire 100 dollars ! Aho niho twaboneye ko ari ubusuma bukomeye bwateguwe. Ni igiki cotuma bamwe batayaronka, abayaronse nabo bagasabwa gusinyira ayarangeye ayo baronse ? Bivuze ko bashaka kutwiba.
Ubu twasubiriye gufatwa nabi. Batuzanira ibiharage vyaboze. Hagize uwigwara bamubwira ngo yigurire imiti kandi bazi ko batanaduhemvye. Ubu ntiworaba bamwe batanguye kugwara inda mu mpuzu kubera ata gasabuni tukironka.
Twebwe ntidutahura ukuntu tubura imiti n’udufaranga twari twandikiwe ntibatuduhe, kandi bagaca batubwira ko umusoda agwaye aja kwigurira imiti, tukibaza nimba vyarahindutse ko abasoda batakivuzwa, babitubwire tubimenye mu gihe twategerezwa kuvuzwa, na rirya turiko tugwanira ivyo tutabona kandi atari n’igihugu cacu.
Turagusavye usubire usemerere, Umukuru w’igihugu be n’umukuru w’igisirikare babimenye. Iyo babimenye bahora baca babikurikirana bakabona ko utabesha kandi ingingo zirafatwa koko. Waradutabaye kenshi n’ubu bandanya.
Ndangije nsubira kugushimira kuvyo wadufashije bitagira uko bingana. Hanyuma nzokwandikira ibintu vyose vyagiye birahinduka kubera amakuru wagiye uratanga.”
Umusoda w’ Umurundi ari muri Congo