Kuva ku igenekerezo rya 5 Mukakaro 2024 igiciro c’ ilitiro ya Essense cavuye ku 3000 gishika ku 8000 mu karere ka Uvira mu ntara ya Kivu y’epfo muri Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo.
Icabitumye ni abaguzi b’ Abarundi bo mu gisagara ca Bujumbura ahasanzwe hakorerwa imirimo ya leta n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU badafise ahandi bogurira ico gitoro atari muri Uvira.
I Bujumbura igitoro kikaba cabaye umuzi w’ibuye. Ibyo bimaze igihe Abarundi bagenda kugura igitoro I Kavinvira mu gihe igitoro kitakiboneka muri ico gihugu co muri Afurika y’ ubuseruko.
Ariko ivyo bikorwa bikaba bitoroshe bivanye n’imyuzure y’ikiyaga ca Tanganyika n’uruzi rwa Nyagara yateye ibarabara rya Bujumbura-Uvira bigatuma abadandaza ba magendo batagishoboye guhaza abaguzi baguma biyongera uko bukeye nuko bwije.
Ivyo vyatumye abadandaza b’ Abarundi bajabukana amamashini yabo kugura ibitoro ku masitasiyo yo muri Uvira. Ariko nurucuruzwa rw’igitoro mu mabido ntirwahagaze ku mupaka u Burundi buhana na Congo.
Kuva ku igenekerezo rya 4 Mukakaro umumenyeshamakuru wa SOS Media Burundi yabonye igikorwa gishasha muri ico gisagara co mu Buseruko bwa Congo: Amasitasiyo menshi ntafise igitoro co mu bwoko bwa Essence na yagifise yahisemwo kuduza ibiciro. Muri ico igihe abadandaza ba magendo babandanya kuduza ibiciro na bo.
Uwo mumunyeshamakuru yagize amatohoza:’’ Muri Mulongwe, Kasenga na Kakungwe ku masitasiyo amwe amwe, hari abanyekongo n’ Abarundi bicaranye amabido barindiriye igitoro bashaka kuja kukidandaza ku mupaka canke mu gihugu c’ u Burundi.
Umupfasoni w’umupfakazi w’umudandaji Jeanne Furaha avuga ko kare ibido y’amalitiro 20 bayirangura ibihumbi 65,000 ariko ubu bayirangura hagati y’ibihumbi 76,000 n’ibihumbi 80,000 vy’ amakongomani. Ivyo vyatumye ibiciro vyo kwiyunguruza biduzwa mbere binagwizwa na kabiri ku mabisi no kumapikipiki.
Amani Freddy amenyereye gukoresha ipikipiki, akoresheje amafaranga 1000 y’ Ikongo yavuze ko ubu aheruka kuriha ibihumbi 2,000 kuri uwu wa gatanu tariki 5 Mukakaro.
Aho twamusanze muri Karitiye Nyamianda atera aja I Mulongwe, Yidoga asaba ko leta ya Congo yobuza abarundi kuza kugura igitoro muri Congo, ngo kuko aribo batuma haba iduga ry’ibiciro vy’igitoro vy’ urutavanako.
Userukira ishirahamwe ry’ abakura igitoro hanze aremeza ko ibura ry’igitoro ryatewe n’ubukene bw’igitoro mu Burundi ariko ntashaka ko bobuza abarundi kuza kukigurira I Uvira.
Ababa mu gisagara ca Bujumbura gifatwa nk’umurwa mukuru w’ubutunzi, baza kugura igitoro mu Buvira canke mu Cibitoki mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu aho ico gitoro kijabukanwa giciye muruzi Rusizi rugabura u Burundi na RDC.
Kimwe mu bihugu bihana urubibe n’u Burundi, Tanzania hoho abanyagihugu bo ku mupaka bashobora guhema gatoyi. Abahana urubibe n’igihugu c’ u Rwanda umubanyi mubi kubwa Evaliste Ndayishimiye bo basa n’abari mu bihano bibiri bivanye n’iyugarwa ry’umupaka ugabura ivyo bihugu bibiri.
Biragoye kwizera ko ikena ry’igitoro rigiye guhera mu gihe abategetsi b’u Burundi uhereye ku mukuru w’igihugu bashima kwishira mu maboko y’ Imana no gutuka Shetani, banagiriza abarundi ko batagira ukwihangana, ntibanashime, aho gufata ingingo yo gutumako inama ku kibazo c’ibura ry’igitoro kugira bafate ingingo zihutirwa, nkuko abatwara amashirahamwe aharanira intwaro ibereye babisaba.
Rabin Igirukwayo
Rwandatribune.com