Abanyeshure barenga amajana ane bo mumakaminuza y’i Goma muntara ya Kivu y’amaja ruguru barungitswe i Kisangani guhabwa inyigisho za gisirikare,gutyo bazoje kurugamba kurwanira igihugu cabo kimaze igihe gihanganye n’umuhari wa M23.
Kumusi wa mbere niho abanyeshure bo mumakaminuza ari mugisagara ca Goma, umurwa mukuru w’intara ya Kivu y’amaja ruguru, bahaguruka ku kibuga c’indege mpuzamakungu ca Goma,berekeza Kisangani mu ntara ya Tshopo.
Bakaba basanzeyo abandi banyeshure amajana umunani bo mu ntara zitandukanye za RDC, aho bose bagiye gukurikirana ivyigwa vya gisirikare. Abo banyeshure bavuga ko biyemeje gukingira igihugu cabo ca RDC umwansi.
Nkuko vyaboneka ko bagiye muri izo nyigisho bavyishimiye, baenyesheje ko biteguye kurwanira no gukungira umwansi igihugu cabo, arico gituma bizeye ko izo nyigisho bagiye guhabwa zizobagirira akamaro mugushika kuri ici cifuzo cabo.
Ndetse bamwe bakavugako n’inyuma y’izo nyigisho bazoca biyandikisha kuguma mugisirikare burundu.
Nayo mu mashirahamwe yigenga basaba ko izo nyigisho za gisirikare zotangirwa mu ntara zose zigize Congo.
N’ubwo biri ukwo, ingingo y’umushikiranganji ajejwe amashure ya kaminuza iranegurwa n’abavyeyi babona ko nyabuna iyo ngingo ifise intumbero yo guhungabanya indero y’abana babo.
Kubw’abasesanguzi n’abakurikiranira hafi ivya politike mu ntara ya Kivu y’amaja ruguru, bobo babona ko umutekano muke muri RDC utava ku buke bw’abasirikare canke abajejwe umutekano, ahubwo nyabuna ko ari indongozi z’igihugu zidakora igikorwa cazo.
Ivyigwa vya gisikare bihabwa abanyeshure bo muri kaminuza muri RDC, bikaba biri mu rukurikirane rwo kugwanira igihugu , kandi bizokorwa kabiri mu mwaka wa kaminuza. Amezi abiri imbere y’uko umwaka wa kaminuza utangura, n’ayandi mezi abiri inyuma y’uwo mwaka nyene. Ni ukuvuga amezi ane.
Ni mugihe kandi indongozi za Congo zidasiba guhamagarira urwaruka kwiyandikisha mu gisirikare kugira ngo bafashe ingabo za leta FARDC, kugwanya umuhari M23 mu ntara ya Kivu y’amaja ruguru.
Aha rero hakaba hari imirwi mwyinshi y’urwaruka yitwaje ibirwanisho imaze kuvuka muri ico gihugu, na cane cane muburasirazuba, ishigikiwe na reta, ndetse akaba ari nayo ibaha ibirwanisho ngo bafashe abasirikare bayo.
Freddy NKURUNZIZA