Mw’ikambi y’abateshejwe izabo yitwa “La main de Dieu”, haharurwa 25 basambanijwe ku nguvu bagizwe n’abagore cumi n’umunani, hamwe n’abigeme indwi bamenyekanye muri uku kwezi kwa Ruheshi guheze. Ikambi y’abateshejwe izabo La main de Dieu, iri mu gisagara ca Murambi, muri gurupema ya Munigi, muri teritware ya Nyiragongo muri Nord-Kivu mu buseruko bwa Congo.
Ivyo biharuro vyashizwe ahabona na Ernest Agano, umukuru w’iyo kambi y’abateshejwe izabo, mu kiganiro yatanze mu runani Sauti ya Wahami. Asigura ko ivyo bikorerwa cane cane mu mashamba, igihe abakenyezi bagiye gusenya.
Kubwa Ernest Agano, abenshi muri abo bakenyezi bahura n’abantu batazwi bakabasambanya imbere yo kwiruka bahungira mw’ishamba.
Hari n’abasambanirizwa ku nguvu mw’ikambi, abandi bagasambanywa bariko baratembera barondera ivyo bashira ku munwa canke inkwi zo gucana.
Kugira ngo ivyo bigwanywe, asaba leta ya Congo n’amashirahamwe akorera mu gisata co gukingira abakenyezi, kuba hafi y’abo vyashikiye mu kubaronderera umuganga abakurikirana.
kiretse ikambi yitiriwe La main de Dieu, abandi basambanywa ku nguvu bibonekeza mu makambi ya Bulengo, Lushangala, Mudja na Kanyarucinya, hose akaba ari muri Nord-Kivu.
Freddy Nkurunziza