Muri karitiye Gikungu rural na winterekwa zo muri zone Gihosha komine ntahangwa mugisagara ca,amazu ariko abomoka kubwinshi.
Ivyo navyo bikaba vyaturutse kuruzi rwitwa Nyenzari rwagumye rwiyagurira kurugero rudasanzwe, abajejwe gukinga ibiza nibidukikije bakaguma barorera.
Abanyagihugu baba murutwo duce, barasaba ko hoba ubutabazi vuba na bwango, kuko hamaze kubomoka amazu menshi,agera kuri mirongo ine na zitanu (45 maisons déjà détruites complètement)
Umunyagihugu asanzwe aba muri karatiye Gikungu rural François Nzikobanyanka, avuga ko ako kuzi Nyenzari aho hambere kari gato,kuburyo bakajabuka bisanzwe eka nabana bakajabuka..
Ariko uko iminsi ishira, imvura ikaguma igwa, rwagumye rwiyagurira,rutera nibimanga murutwo duce, gushika ahari inyubako zamazu,nayo atangura kubomoka kumurindi ukabije…
Abanyagihugu bavuga ko bagerageje, kubivuga,gutabaza munzego zose, ariko atakintu nakimwe cigeze gikorwa kugira amazu yabo akingirwe eka nubuzima bwabo.
Abo banyagihugu ubu bakaba bari mugahinda numubabaro bidasanzwe,kuko hari nabo amazu yabomotse bataraheza no kuriha amadeni bafashe muma banki.
Ubuzima bwabo n’imiryango bakavuga ko buri mukaga kadasanzwe, kuko gusibira gupanga, wari wariyubakiye akazu ubamwo mugisagara ca Bujumbura, hamwe no kuriha amadeni bafashe muma banki ari ikibazo gikomeye.
Abo amazu atarabomoka,baratakamba ko hoba ibikorwa vy’ubutabazi bwihuse kugira hakingirwe ayo mazu asigaye eka nubuzima bwabo.
Abarundi benshi,bagatangazwa nuko indongozi z’igihugu zirirwa ziririmba ngo leta iri kumuvuduko w’iterambere ridasanzwe,eka ngo bufise nimbono ya 2040 na 2060( Burundi pays émergents vision 2040-2060).
Kandi bananiwe no gukingira inyubakwa zisanzwe zabanyagihugu.
Icibagiwe coco ngo nukuronka ifaranga mvamakungu, amabarabara nka yose yarabomotse ikitavuzwe coco ngo nukuronka umuriro (électricités) mumiji,aho abaronse umuriro rimwe mundwi,baba bagiriwe amahirwe..
Bati leta y’uburundi irakwiye kwikebuka ikava mumajambo,ikaja mubikorwa bigaragara