Mu gisirikare c’Uburundi hari ukutumvikana kwigaragaza mundongozi muriyi minsi.
Inyuma yaho heherutswe guhindurwa bamwe munzego za gisirikare, hagakurikira n’irungikwa ry’abandi basirikare benshi mu gihugu ca RDC, kugwanya M23, hakarungikwa nizindi ndongozi nshasha kurugamba, hasubiriye kwibonekeza ibombora bombora rikabije mu gisirikare.
Liyetena Koloneli Aaron Ndayishimiye yaramaze indwi imwe nigice (une semaine et demi)arungitswe kugwanya M23 muri Kivu yamaja ruguru, atwara batayo yicenda TAFOC (9ème bataillon TAFOC), yaraye atahukanywe mu Burundi gihuti huti igenekerezo rya 17/02/2024.
Ivyo navyo bikaba vyaturutse ku ngwano yahuje abasirikare b’abarundi na M23 ikomeye kumagenekerezo ya 14-15-16/02/2024 , igisirikare c’Uburundi kihatakariza abasirikare benshi cane gushika nubu igitigiri cabapfuye nyaco kitaramenyekana neza (bivugwa ko barenga ijana), eka ngo bahatakarije nibikoresho vyinshi cane bikomakomeye.
Ivyo navyo ngo bikaba vyavuye ku kutumvikana kw’abasirikare bakuru bari kugwanya M23.
Uwurongoye abasirikare b’abarundi bari muri RDC colonel hakizimana pontien batazira mingi, atigeze yumvikana na liyetena koloneli Aaron Ndayishimiye yatwara batayo yicenda TAFOC, ku kuntu botegura ibitero kuri M23.
Ico cuka kibi cabo basirikare babiri bakuru hamwe no gutakaza abasirikare nibikoresho vyinshi cane kurugamba, nivyo vyatumye Liyetena Koloneli Aaron Ndayishimiye asubizwa mu Burundi gihuti huti.
Uwo nawe akaba yaciye asubirizwa gitaraganya na liyetena koloneli Ngomirakiza Marcien gutwara batayo yicenda TAFOC muri RDC Kivu yamaja ruguru.
Mwomenya ko uwo yaraye asubirijwe liyetena koloneli Aaron Ndayishimiye,yari yagiye arahiye ko agiye yiyemeje kugwanya no guhasha M23 mpaka ayitsinze kurugamba.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com