Mu Burundi igisata c’indero kigeze aho umwansi ashaka muri za kaminuza.
Dufatiye kwishure rya kaminuza ry’indera bigisha ENS (École Normale supérieure) aho abanyeshure bariko biga igice cakabiri camashure yico kigo (maîtrise), bamaze imyaka hafi itanu bataraheza amashure, kumvo z’ubukene bw’abigisha.
Ico gisata bitegekanijwe ko baciga imyaka ibiri ariko kuva 2019 gushika ubu 2024 bataraheza kwiga ngo barangize iyo ntambwe ya kabiri ya kaminuza.
Ivyo vyose bikaba vyibonekeza cane cane mugista cindimi (kirundi swahili) aho abo banyeshure bidogera ubukene bwabarimu bigisha ururimi rw’igiswahili n’icongereza.
Abo nabo benshi bakaba baza mu Burundi baturutse mu gihugu ca Kenya na Tanzanie.
Ico kigo c’ishure ENS kikaba caranse kwishura amafaranga abo bigisha baturuka muri ivyo bihugu ngo baze gutanga ubumenyi mu rwaruka rw’u Burundi.
Abo barimu banse kugaruka kwigisha, kubera ibirarane babafitiye bimaze igihe kinini.
Abo banyeshure bakibaza igutuma ico kigo ENS na leta batunganije izo nyigisho atabushobizi bafise bwo guhemba abigisha.
Ahandi bakibaza nimba ari ishigwa mungiro rya wa mugambi wa président Evariste Ndayishimiye, aho avuga ko kwiga za kaminuza ataco bikimaze mwiterambere ry’igihugu.
Abo banyeshure barasaba uwo wese afise ico afasha yobavugira kugira baronswe abarimu, babone kwiga barangize.
Barongera bagakebura na leta n’ishure ndera bigisha ENS, ko batoza barata mu rudubi inyigisho batunganya mu mirimo yabo, kuko baba bariko bica kazoza kejo kurwaruka rw’igihugu c’u Burundi.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com