Mu Burundi hari ikena ryamafaranga mvamakungu kugwego rwo hejuru.
Ivyo navyo bigaterwa n’uko leta y’u Burundi yashize amananiza ku bigenga bahora bakora urwo rudandazwa rw’amafaranga mvamakungu, bituma benshi baheba gukora uwo mwuga.
Ikindi nuko abari mu mugambwe Cndd FDD, n’abategetsi bamwe bamwe, binjiye mururwo rudandazwa ku nguvu rwayo mafaranga, atanivyo bamenyereye, bibata kuwamazi.
Abahora bakora ako kazi, bavuga ko ari iryambere mu mateka y’u Burundi aho idolari rimwe ( un dollars :1USD) rivunjwa ibihumbi bitanu (5000fb vyamafaranga y’uburundi , ivyo bikaba vyobonekeje no ku munsi w’ejo igenekerezo rya 15/02/2024 (1USD=5000fb).
Uwufise amarundi nawe ashaka idolari rimwe abwirizwa kuba afise 5050fb (5050fb=1USD).
Kandi no kurironka bigoye cane kuko muma banki ntayo batanga, bavuga ko atanayahari.
Bisaba kurondera abayacururiza mu kinyegero bimwe bita marché noir
Abarundi bakavuga ko no mubihe vyintambara yatanguye 1993, nigihe u Burundi bufatirwa embargo n’ibihugu vyo muri kano karere, idolari ritigeze rivunjwa ku rugero rishitseko kuriyi ntwaro ya President Evariste Ndayishimiye.
Eka ngo no kuri leta y’umuhisi Petero Nkurunziza, igihe amakungu afatira ibihano u Burundi, idolari ritigeze rivunjwa ku rugero rishitseko ubu.
Abarundi bakabona ko ivyo vyose bituruka ku buyobozi bubi igihugu c’u Burundi bufise, kanatsinda nka bose bashira inyungu zabo imbere gusa.
Ikindi ngo biterwa n’inyifato mu burongozi bw’Igihugu, imvugo zagashinyaguro za minsi yose eka no gufata ingongo giturumbuka, nko gufunga imipaka ihuza uburundi n’u RWANDA kugira asamaze abarundi benshi no gushimisha President wa RDC kubera idolari amuha.
Bakanako nayo ma dolari President Evariste Ndayishimiye n’akagwi bakorana ku nyungu zabo, baronka kubera abana b’u Burundi bagurishije, birigwa bapfa urwagashinyaguro muri RDC ataco azomarira igihugu c’u Burundi.
Abakurikiranira hafi ibibera i Burundi baravuga ko atagihindutse mu burongozi bw’Igihugu, imbere ari habi cane ku Burundi n’abarundi.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com