Perezida Evariste Ndayishimiye yirirwa ahimiriza abarundi kugira ubworozi bw’ibintu bitari bimenyerewe i Burundi, eka bigatera n’isoni n’amakenga kubabikora, kuko abakurambere bavyita “kirazira”.
Evariste Ndayishimiye afatanije n’uwo yise umuhinga karuhariwe mu bworozi bw’imisiba yitwa Tuyisabe Wilbert, batangura ishirahamwe ryo korora imisiba muntara ya Gitega.
Bari bamaze kumenyesha abarundi ko ikiro kimwe bazokigurisha hagati yibihumbi bitanu na bitatu vyamafaranga y’uburundi (entre 3000fb et 5000fb).
Uwo mugambi w’ubworozi bw’imisiba ukaba utanamaze kabiri ukora, kuko wagize igihombo gikabije, hakaba hadutsemwo amatati ninduru nyinshi.
Uwo muhinga Tuyisabe Wilbert, Perezida Evariste Ndayishimiye yari yavuze ko yavyize mu bihugu vyo hanze, azobera akarorero abarundi benshi mumigambi y’iterambere y’igihugu cane cane muvy’ubworozi.
Uwo muhinga Tuyisabe Wilbert akaba yaraye yinjijwe ibohero ryo muntara ya Gitega kwitegeko ryumukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, yagirizwa kunyuruza amafaranga ama miliyoni amajana,yaragenewe ico gikorwa.
Uwo yahora ahayagiza ko aje guteza imbere igihugu c’u Burundi,yahindutse umusuma, umwambutsi.
Kenshi imigambi y’iterambere y’igihugu itegurwa numukuru w’igihugu, imara umwanya urume rumara, abo babitanguranye bagaca bafungwa, bwaca kabiri bakarekurwa.
Muri make n’imikenyuro yiteguriye yo gusahura itunga ry’igihugu n’abanyagihugu gusa.
Imigambi y’iterambere yose avuga ubworozi bw’insazi, ubworozi bw’imisiba abarundi benshi babona ko ari nk’igitutsi ku barundi n’igihugu, kuko abakera bavyita kirazira mu mico y’abarundi bose.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com