Umukuru w’igihugu c’u Burundi abandanya kugiranira ibiganiro na bamwe mu bagize imihari igwana ikorera muri RDC hamwe n’abafise imvugo zibiba urwanko n’amacakubiri muri kano karere k’ibiyaga bigari.
Avuye mu nama Addis-Abeba, yashitse i Burundi aca agirana imibonano ku munsi wambere itarike 19/ 02/2024 na bamwe bahurikiye muri za FDLR, nyatura na FLN.
Mwomenya ko muriki gihe,abagwanyi bamwe biyo mitwe,bamaze igihe i Burundi mu mashamba y’intara za Cibitoke Kayanza na Kirundo, cane cane ku duce u Burundi buhana umupaka n’u RWANDA.
Abo bagwanya bakaba bakorana n;igisirikare c’u Burundi n’imbonerakure, zegamiye umugambwe uri kubutegetsi Cndd Fdd.
Eka mbere bagiye no gukarihirizwa hamwe ubumenyi mubijanye ningwano muvya gisirikare,,bakazovyigishwa n’abasirikare karuhariwe bazova mugihugu c’Uburusiya.
Murabo babonanye n’umukuru w’igihugu c’u Burundi Evariste Ndayishimiye, harimwo n’uwo bita Otto Bahizi, azwi cane mu gukwirakwiza imvugo zibiba ugwanko, ivangura n’amacakubiri ashimikiye ku moko muri kano karere.
Iyo mishikirano Evariste ndayishimiye akomeje kugirana nabo bagwanyi bikaba biri mu rukurikirane rwo kwitegurira intambara yo muri kano karere ;na cane cane ku gihugu kibanyi.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com