Abanyagihugu bo mu Burundi batavuga rumwe na leta ya Cndd Fdd babandanya gutotezwa no kunyuruzwa ku murindi ukabije.
NIBIRANTIJE Agnès, arongoye abakenyezi b’umugambwe CNL muntara ya Kayanza akiyoboka Agathon Rwasa, yarafashwe kumunsi w’Imana igenekerezo rya 10/03/2024 n’abapolisi ajanwa mugasho.
Uwo mupfasoni yafashwe nk’igihe c’isaha zine n’igice z’agatondo (10h30) abanza ajanwa mugasho k’intara ya Ngozi amarayo amasaha abiri nigice.
Mu gihe ca sahindwi zo ku murango (13h) haje umupolise w’umu OPJ yitwa Kayitesi Espérance, amukura muri ako gasho kintara ya Ngozi, amutwara n’imodoka ya polisi kumufungira ahantu gushika iyi saha hataramenyekana.
Umuryango w’iwe incuti abagenzi eka nabanywanyi ba CNL bose bakaba baragerageje kumurondera mu busho butandukanye bw’Igihugu barabura eka bagerageje no kumutabariza ahashoboka hose, ariko gushika iyi saha twandika iyi nkuru bakaba bataramenya irengero ry’iwe.
Umuryango w’iwe ukaba utekewe n’ubwoba bwinshi kuko uwabo ashobora kwicwa, gutotezwa canke akaburigwa irengero nkuko vyama vyashikiye abarundi benshi bafashwe murubwo buryo.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com