Mu Burundi ku munsi w’ejo igenekerezo rya 10/03/2023 , harabaye ikoraniro ryumugambwe CNL, ryateguwe numurwi w’abashingamateka b’uwo mugambwe biyonkoye kumukuru wabo Rwasa Agathon.
Iyo nama ikaba yabereye ku murwa mukuru w’intara ya Ngozi,aho Agathon Rwasa asanzwe avuka.
Abanywanyi ba CNL bari inyuma yabo bashingamateka hamwe n’abandi banywanyi ba cnddfdd,bateguwe nuwo mugwi, bo mu ntara zose zigihugu, barungikiwe imodoka zo mubwoko bwa Otraco, zija kubatora zibashikana aho iryo koraniro ribera.
Abo bateguwe bagenda baherekejwe nimodoka za polisi imbere ninyuma, bambitswe udupira twanditseko CNL, baje gutora umukuru w’umugambwe CNL mushasha.
Mwomenya ko kurundi ruhande rw’abanywanyi bayoboka Agathon Rwasa nabo bari bazindutse biteguriye kuja kubuza iryo koraniro, bo bavuga ko ritemewe namategeko y’umugambwe CNL be n’amategeko y’igihugu.
Ariko abo banywanyi ba CNL,bayoboka Rwasa Agathon,ntiborohewwe,kuko igipolisi carategereye kirabankira kuja ahabera iryo koraniro.
Baciye babafata babegeraniriza hamwe, babafunga icamaso umunsi wose babashira kuzuba, aho atanumwe yari yemerewe kwitaba telefone canke ngo anwe namazi.
Bakaba barekuwe kumugoroba mumasaha ya 17h30mn iryo koraniro ryaheze,banatoye nuwugiye kurongora iryo shami rishasha rya CNL.
Mwomenya ko uwo mugambwe usanzwe umaze umwaka ibikorwa vyawo vyose bihagaritswe mugihugu,ariko abo bashingamateka batemera umukuru wabo Agathon Rwasa, bobo kuko bashigikiwe na leta na cnddfdd babandanije bakora amanama kumugaragaro.
Ayo manana eka ivyo abo bashingamateka batemera umukuru wabo Agathon Rwasa, babikora bishimikije ko bashigikiwe na leta ya Evariste ndayishimiye n’umugambwe Cndd FDD.
Ivyo babikora muntumbero yo gusambura umugambwe CNL, wari witwa ko ariwo usa nuwuhanganye na cnddfdd, kugira amatora yimirije cnddfdd izoyajemwo atamugambwe numwe bihanganye, ahubwo ufise imperekeza gusa.
Mukaba muzi ko abanywanyi benshi ba CNL bakiyoboka Agathon Rwasa bo muntara zose zigihugu bamaze igihe kinini birirwa bicwa, banyuruzwa agasakisaki, banatotezwa ku rugero rudasanzwe.
Iryo koraniro ryabo bashingamateka batemera Rwasa Agathon rikaba ryabaye ririmwo imbonerakure n’abandi ba Cndd FDD benshi, ricungerewe n’abapolisi bimwe bidasanzwe bafise nibigwanisho bikomeye.
Iryo koraniro ryarangiye bemeje uwitwa Girukwishaka Nestor ko ariwe muyobozi mushasha wiryo shami rishasha rya CNL rishigikiwe na leta y’uburundi numugambwe Cndd FDD.
Abarundi benshi bavuga bati ntagitangaje kirimwo, kuko kuva kuri leta y’umuhisi petero nkurunziza, umugambwe Cndd FDD wamye urangwa no gusambura imigambwe yose babona ko isa niyifise igihagararo, nabanywanyi, boshobora guhangana “bavyita nyakurizasyo ” basambuye za UPRONA bayicamwo ibice birenga bitandatu, basambura Frodebu, iyo CNL nayo ikiri umugambwe FNL bayiciyemwo ibice birenga bitatu, ari naho Rwasa Agathon yaciye aheba izina FNL ashinga umugambwe CNL,uremererwa, none nubu leta ya Cnddfdd yongoye kuwucamwo ibice.
Leta ya Cndd FDD isanzwe ifise politike mbi yo kuzimanganya iyindi migambwe yose yo m’uburundi, kugira igume ari umugambwe umwe rudende wirebanga mugihugu c’u Burundi kuko ntacitwa ubwigenge canke icitwa demokarasi ikeneye m’uburundi, ahubwo wowo ushira imbere intwaro yagacinyizo n’igitugu.
Desire Nkundwa
Rwandatribune.com