Hari abasirikare bagera kumajana abiri na mirongo itanu (250 militaires Burundais) bafungiwe mubusho butandukanye bw’igihugu bazira ko banse kugwanya M23 muri RDC.
Abo nabo bakaba bafungiwe mubusho butandukanye bw’igihugu buri mu ntara za Bururi, Bujumbura,ruyigi cankuzo na Ngozi.
Bakaba bafunzwe muburyo bubi cane,kuko atana gahuzu baba bambaye, kiretse agakabutura konyene eka banagaburirwa nka rimwe muminsi ibiri,nahone bakabaha ibiharage gusa.
Bakubitwa buyoka buri kanya na bagenzi babo bayoboka ubutegetsi bwa cnddfdd.
Abo bafunzwe mukaba muzi ko leta yuburundi ibafata nkabansi b’igihugu eka bakorana n’imihari y’iterabwoba nka Red tabara nizindi.
Bivugwa ko hari nabamaze kugandagurwa bunyamaswa hamwe mumbonerakure bagaca bahambwa mukinogo rusangi kiri muri komine mutimbuzi intara ya Bujumbura rural.
Imiryango yabo basirikare bafunzwe eka nabo bari basangiye akazi, barasaba leta yuburundi ko boreka ako gatotezo ahubwo bagasubiza iteka abo basirikare bari mukarenganyo kadasanzwe