Abanyagihugu bo muri komine Ntega intara ya Kirundo, batashoboye kuronka intererano batanga mu mugambwe Cndd FDD yo kwakira umukuru w’umugambwe mushasha murako gace, barageramiwe n’indongozi zabo zifatanije n’imbonerakure polisi n’igisirikare zikorera muri ako gace.
Abo banyagihugu bakaba bategekwa gutanga guhera kubihumbi bibiri (2000fb) ku muntu abayabaye (akeneye) ataronse ayo mafaranga agategekwa gutanga ibiro bibiri vyibiharage, umuceri canke ibiro bitatu vy’ibigori.
Imiryango isa niyifise yategekwa gutanga guhera kumafaranga ibihumbi bitanu (5000fb) gushika kubihumbi ijana n’ayarenga.
Ubu Abanyagihugu batashoboye kuri ico batanga, bakaba bariko bahirwa buhongo, babagirako iterabwoba, bababwira ko bagiye kwicwa kuko ngo ntaho bataniye n’inyankaburundi, bamwe leta na Cndd FDD bita ” Ibipinga, Mujeri intumva.”
Mbanzabugabo Jean Pierre arongoye komine Ntega, amenyesha ko abo bose batatanze intererano, ari kubakorerako bose kuko ngo bazoba bakuye umucafu muri komine yabo.
Ubu bakaba barakoze nintonde mwibanga nabarongoye imitumba yose zabatatanze ayo mafaranga canke infungurwa kugira bazoce babakorerako, nkuko musitanteri wiyo komine abimenyesha.
Musitanteri w’iyo komine arongerako ati”abo bose batatanze intererano ubu ntaburenganzira nabumwe bafise bwo kuronka ikintu nakimwe muri komine, zone eka no kumitumba yose kuko abo abafata nkabansi b’uburundi numugambwe Cndd FDD.
Ubu rero abo banyagihugu batatanze intererano y’Umugambwe Cndd FDD, bakaba barara ntibuca, ntibwira, eka barara rubunda kuko imbonerakure zirirwa zica kumihana yabo zibatera ubwoba ko zigiye kubica, kubakorerako, kubapingura kuko ari abansi b’u Burundi.
Abo banyagihugu bo muri komine Ntega bakaba bari basanzwe bugarijwe n’ubukene bukabije, none leta afatanije n’umugambwe Cndd FDD iguma ishaka kubanunuza mpaka.
Barasaba uwo wese abishoboye ko yobavugira kugira baronswe umutekano nuburenganzira bwo kubaho nk’abana b’u Burundi.