Imyaka 70 iraheze koreya yigabuyemwo kabiri hakabaho Koreya ya Ruguru na Koreya Yepfo
Kuri uno wa 27 ukwezi kw’indwi 2023, imyaka 70 iraheze habaye amasezerano y’agahengwe mu ntambara hagati ya Korea ya Ruguru na Korea y’Epfo. Intambara yari yadutse mumwaka w’1950.Kuva ico gihe, ibi bihugu 2 ntibicana uwaka, birabana ay’ingwe.
Muti mbega none vyatanguye gute?
Vyose bikaba rero vyatanguye inyuma y’intambara ya kabiri y’isi yose, aho vyaragaragara neza ko isi yari yinjiye mu gihe gishasha.
Ibihe vy’aho ibihugu vya rutura vya Bulaya vyari vyiganziye isi, harimwo Ubwongereza, Ubufaransa, Ubudagi, Ubutaliyano, n’Uburusiya, vyari vyarangiye. Intambara yari yabisinzikaje ku buryo bitari bigifise uburyo bwo kubandanya vyiganziye isi.
Isi rero yasa n’iyari yigabuyemwo kubiri – uruhande rumwe rugizwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’incuti zayo z’Uburengero, urundi narwo rukaba rwari rugizwe n’icahoze ari Reta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti (URSS/USSR) n’incuti zayo.Imishamirano hagati y’izi mpande zibiri ikaba itatevye kwigaragaza.
Mu kw’indwi 1945 igihe intambara ya kabiri y’isi yose yariko irabandanya mu karere ka Indo-Pacifique, Joseph Stalin yari arongoye icahoze ari Reta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti (URSS/USSR) yarahambije ingabo za Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu gikorwa co kwirukana Ubuyapani muri Korea.
Muri uru rugamba, ibi bihugu bibiri vya rutura vyahuriye ku murongo (transversale/ parallèle) wa 38, uca hagati muri iki gihugu cari Korea imwe. Ibi bihugu vyemeranije gucamwo kubiri iki gihugu, aho Abasoviyeti bafashe uburaruko, Amerika nayo igafata ubumanuko, maze kimwe kimwe cose gishinga reta ifatiye ku ntwaro yaco.
Mu buraruko, ni ukuvuga muri Korea ya Ruguru hashinzwe reta ya gisosiyalisti ya poritike ya URSS. Yari irongowe na Kim Il Sung. Nayo mu bumanuko hashingwa reta ya gikapitalisti, ari nayo shingiro ya poritike ya Amerika, yari irongowe na Syngman Rhee.
Nta n’umwe muri izi ndongozi yari yatowe kandi nta n’umwe yemera uwundi.
Igihe ibi bihugu vya rutura biviriye muri Korea mu 1947, vyasize intwaro zibiri ataho zihuriye, aho uburaruko bwegamiye intwaro z’Abakomunista b’Uburusiya n’Ubushinwa, ubumanuko nabwo bwegamira kuri Amerika y’abakapitalisti.
Impande zompi zarabana ribi, buri ruhande rurondera kurimbura urundi, zompi zicungacungana mbere n’imishamirano itabuze ku mbibe. Buri ruhande rwarondera kwigarurira urundi kugira igihugu gisubire kuba kimwe. Ikibazo kwari ukumenya uruhande rwari gutangura.
Ku wa 25 ukwezi kwa 6 umwaka w’1950 niho intambara yatinda ikaduka hagati y’ivyo bihugu bibiri. Ingabo z’igisirikare ca Korea ya Ruguru carateye korea y’Epfo.
Inyuma y’iyi ntambara, Korea yabandanije icitsemwo ibihugu bibiri. Ino ntambara yaratandukanije imiryango, mu banyamuryango umwe bamwe bisanze ku ruhande rundi rwa wa murongo 38, kandi badashobora kugenderanira canke ngo bavugane.
Kuva mu 1953 habaye amasezerano y’agahengwe – kuri uno wa kane bariko bahimbaza isabukuru y’imyaka70 – abasirikare b’impande zompi babandanya amarondo kuri aka karere.
Ibi bihugu biracagendera kuri aka gahengwe gushika ubu kuko, n’aho birabana urunuka kuva imyaka mirongo iheze, nta ntambara nshasha yeruye irasubira kwaduka.
Fréddy NKURUNZIZA
Rwandatribune