Leta Zunze Ubumwe za Amerika zemeje urukingo rya kabiri rwa Covid-19, “Moderna”, ubu hakaba hagiye gusohoka umubare mwinshi w’amadoze yarwo
.Ikigo gishinzwe Ibyo kurya , kunywa n’imiti muri Amerika (FDA) cyatanze uburenganzira bwo gukoresha uru rukingo rwakorewe muri iki gihugu nyuma y’icyumweru kimwe gusa hemejwe urwa Pfizer/BioNTech ruri gutangwa mu gihugu cyose.
Nk’uko bitangazwa na BBC , Amerika ngo igiye kugura doze miriyoni 200 z’uru rukingo rwa Moderna, muri izi nkingo Miriyoni esheshatu zitabonetse zikaba zirindiriye gutangwa igihe icyo ari cyo cyose hagenwa igihe cyo kuzitanga.
Amerika nicyo gihugu cya mbere kw’isi gifite imibare iri hejuru y’abanduye n’abamaze guhitanwa na Covid-19. Kaminuza ya Johns Hopkins isanzwe ikurikiranira hafi uko iki cyorezo kigenza kiyongera kw’isi ivuga ko muri Amerika abamaze kwandura Covid-19 ari miriyoni 17.5, ikaba imaze guhitana abarenga 313.500.
Umuyobozi w’ikigo FDA, Stephen Hahn avuga ko iyemezwa ry’uru rukingo ryabaye mu ijoro ryo ku wa gatanu ari intambwe ikomeye cyane mu kurwanya iki kiza gihangayikishije isi.
Mwitangwa ry’urukingo rya Moderna bisaba ko rushirwa mu byuma bikonjesha cyane kugeza ku bushuhe bwa degré 20 musi ya Zero -20OC) byumvikana ko rushobora kubikwa muri firigo isanzwe. Ariko Pfizer ni ngombwa ko ishirwa ku bushuhe bungana na degré 75 musi ya Zero(-75OC), ibi bigatuma bitoroha kuyigeza aho igomba gukoresherezwa .
Ni kimwe na Pfizer, n’urukingo rwa Moderna na rwo rukenera ko umuntu aterwa urundi rushinge rwa kabiri kugira ngo rugire ingufu. Kuri Pfizer, umuntu utewe urwa mbere, bisaba iminsi 21 kugira ngo aterwe urwa kabiri, ariko kuri Moderna uru rwa kabiri umuntu ategerezwa kuruterwa hashize iminsi 28.
Nkundiye Eric Bertrand