Ndayishimiye na Rwasa basaba Abarundi kwakira ibizova mu matora
Abahiganirwa umwanya w’umukuru w’igihugu bamaze gutora, abenshi bakaba bagiye gutorera aho basanzwe bavuka.
Abakandida babiri bahabwa amahirwe mu ihiganwa ku kibanza cy’umukuru w’igihugu batoreye ku mitumba bavukamwo.
Evariste Ndayishimiye wa CNDD-FDD yatoreye i Buru, ni muri komine Giheta y’intara ya Gitega asanzwe avukamwo.
Agathon Rwasa wa CNL yatoreye ku mutumba Ciri wa komine Kiremba y’intara ya Ngozi ari naho avukamwo.
Bombi bakaba basaba abanyagihugu kwakira ibizava mu matora nk’uko bizatangazwa n’abashinzwe kuyategura.
Bwana Ndayishimiye asaba abanyagihugu kureba y’uko aya matora ariko araba atari imanza ziriko ziracibwa.
Bwana Rwasa we asaba abanyagihugu ko barindira batekanye ibiza kuva mu matora,bakabana neza n’abo batavuga rumwe.
Indorerezi z’ibihugu bya Tanzania, Nigeria na Kenya bo bashimye ko amatora yabaye mu mutekano ariko banenga uburyo Leta yafunze imbugankoranyambaga.
Ndacyayisenga Jerome