Ni inyubakwa nini igizwe n’amashure mato n’ayisumbuye ahuriramwo abanyeshure b’impunzi cokimwe n’abanyarwanda
N’ubwo iryo shure ririmwo abana barenga ibihumbi 20 rikoresha urutonde rw’inyigisho rwo mu Rwanda, amashirahamwe akukira ishirahamwe mpuzamakungu ONU arahari kugira ngo yishure ku bibazo bimwe bimwe bijanye n’indero kuri bose. Abana beshi muri bo ni abaturuka mw’ikambi y’impunzi ya Mahama, iharurwamwo impunzi zirenga 500.000, bagizwe ahanini n’Abarundi.
Kuva muri 2021, HCR ihawe uburyo n’abayifasha yarubatse inzu yo kwigishirizamwo ibijanye n’ubuhinga bugezweho irashiraho n’uburyo bwo kwiga hakoreshejwe amaterefone ngendanwa yitwa tablette, ivyuma vyerekana amasanamu hamwe n’ibindi vyuma.
Kuri iryo shure bararonswa kandi ibifungurwa vyo kw’ishure, rimwe ku mutaga canke inyuma y’umutaga. UNICEF ifadikanije n’ubushikiranganji bw’indero mu Rwanda, yaratanze imashini nyabwonko ngendanwa ku bigisha barenga 350 bo kuri iryo shure.
Ikambi ya Mahama ikaba iri mu buseruko bw’u Rwanda hafi y’urubibe rw’ico gihugu na Tanzaniya. Ikaba irimwo abantu bigwije hafi
kabiri abo muri ako karere yubatswemwo.
Nkurunziza Freddy