Mu Burundi abana b’abanyeshure bo muri komine Busiga intara ya Ngozi, babandanya kwigishwa kunguvu ivyiyumviro vy’umugambwe Cndd FDD kubigo bigako.
Abo bana bakaba ahanini bigishwa ivyuvugo, ivyiyumviro vya Cndd FDD eka ikintu cose gihayagiza uwo mugambwe n’indongozi zawo.
Ubu iciyongereyeko nuko bariko babigisha kunguvu,ururirimbo rwumugambwe Cndd FDD (l’hymne du parti Cndd FDD) mumashure yose yiyo komine yintango n’ayisumbuye.
Izo ndongozi zibabwira ko iyo ndirimbo ihayagiza Cndd FDD ari kuyifata neza mumutwe, bakamenya kuyiririmba kuko ngo hategekanijwe amahiganwa yintara zose z’uburundi, kugira bazotoremwo abana bashoboye kuririmba neza gusumba abandi, baheze bahabwe agashimwe.
Ivyo bikorwa bikaba biri mubihungabanya indero yurwaruka rw’uburundi, kuko banabikora mumwanya w’ivyirwa, bigatuma badakora icabajanye kwishure.
Ubundi amashure yarayo gutangirwamwo ubumenyi uburezi mubana b’igihugu kuko aribo kazoza kigihugu c’u Burundi kejo, ariko umugambwe cnddfdd n’indongozi zimwe zimwe bakaba bahisemwo kuyagira ikirimbiro nivyiyumviro bivangura vya Cndd FDD.
Abavyeyi abarezi bo muriyo komine barasaba indongozi ya komine Busiga Nahimana Joseph eka n’abandi bagifise umutima wo gukunda urwaruka rw’uburundi ko bobafasha gusaba kugira ivyo bikorwa bigayitse vya Cndd FDD bihagarare mubana babanyeshure, narirya benshi murabo atanimyaka bakwije kugira baje kwigishwa ivya politique.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com