Mu Burundi amashure asigaye yahinduwe ibiro no kwigisha ivyiyumviro vy’umugambwe Cndd Fdd. Ivyo vyose bikaba biri mu rukurikirane rw’integuro y’umugambwe Cndd Fdd yo gusanga abana b’abanyeshure ku mashure yose babigisha ivyiyumviro vy’umugambwe Cndd Fdd kandi bakanabikora mu mwanya w’ivyirwa.
Akarorero ka hafi ni akejo ku munsi wakane igenekerezo rya 15/02/2024, aho umukuru w’imbonerakure muri zone Ramba komine kabezi intara ya Bujumbura rural yitwa Ildephonse Ndikumana,yazinduka agirira urugendo kwishure nshingiro rya Nyamugari (Ecofo Nyamugari)Riri muriyo zone.
Akaba yari yagiye kubigisha inyigisho z’umugambwe Cndd Fdd, aho abahimiriza kuyobokaCndd Fdd atanumwe avuyemwo, kuko ngo ntahandi bazeye urukiza atari muri uwo mugambwe.
Akanabahimiriza ko uwo wese bazobona adashigikiye imigabo n’imigambi y’umugambwe Cndd Fdd, ari kumucungira hafi kuko azoba ari umwansi w’igihugu.
Urwo rwaruka rukabona ko ruriko rubuzwa kwiga ivyigwa vyabo ariyo kazoza n’iterambere ryabo,kuko baza kubigisha inyigisho z’umugambwe Cndd Fdd mumasaha yishure,bakabasohora hanze bose eka n’abigisha,bakaja kwigishwa ivya cnddfdd gusa.
Bakibaza nimba président Evariste ndayishimiye amashure yayahinduye ikirimbiro nivyiyumviro vya cnddfdd.
Abandi bakibaza ko ari ishigwa mungiro ryumugambi wa président Evariste Ndayishimiye bena Reverien Ndikuriyo arongoye umugambwe Cndd Fdd, aho birigwa bavuga ko kwiga amashure ataco bikimaze atani terambere bifitiye igihugu n’abarundi.
Abavyeyi, abarezi eka nurwo rwaruka, bagasaba bashimitse ko ivyo bintu vyohagarara vuba na bwango, kuko biriko vyica indero yurwaruka bigashira no mukaga kazoza kabo n’iterambere ry’igihugu c’Uburundi.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com