Abanyagihugu baba kunkengero zi kibira za commune Muruta na kabarore muntara ya kayanza, bavuga ko bamaze iminsi babona imirwi y’abantu bafise ibigwanisho batembera murutwo duce babamwo na cane cane mumasaha yijoro berekeza mukibira..
Iyo mirwi igenda ifise ibigwanisho,ikavuga ururimi rw’ikinyarwanda nigiswahili,,.
Abanyagihugu bo mukayanza bakavuga ko ari abarwanyi ba FDLR na FLN bavanze n’imbonerakure.
Baba bambaye impuzu za gisirikare bafise nibigwanisho bikomeye,ibisasu vyinshi,, bagenda babaza abanyagihugu amayira amwamwe cane cane yerekeza mukibira ca NYUNGWE,rihana urubibe n’igihugu c’Urwanda,, hamwe n’inzira zerekeza muntara ya Cibitoke nka za komine mabayi na Bukinanyana..
Komine Bukinanyana na mabayi hoho abo bagwanyi bitemberera no kumurango atakibazo..
Abo banyagihugu bakabonako ahubwo harimwo no kumenya ingene bazohava banabiba amatungo yabo cane cane nkinka,impene intama nibindi nibindi..
Ngo kubera abo bagwanyi bari basanzwe bamaze iminsi murayo mashamba, ariko batahora batembera..
Ikindi ngo babona ko bafise intumbero yo gutegura ibitero kugihugu c’Urwanda baciye muri NYUNGWE hamwe no mumashamba ya Cibitoke ari muri za komine mabayi na Bukinanyana