Gilbert irakoze, umunywanyi w’umugambwe CNL, wo ku mutumba rutabo komine Mabayi intara ya Cibitoke, mu Burundi yaranyurujwe n’abantu bataramenyekana igenekerezo rya 27/02/2024.
Akaba yatwawe n’imodoka yo mubwoko bwa Toyota Hilux ifise ibiyo bitabona, irimwo aba polisi bivugwa ko arabo mwiperereza ry’iyo ntara.
Bamufashe nkigihe cisha zibiri n’igice zagatondo (8h30mn du matin) ariko aja kukazi kiwe ka minsi yose.
Nawe akaba yarasanzwe acukura amabuye yagaciro, inzahabu aho bita i Butahana komine mabayi.
Bamufashe ariko aja kukazi ni pikipiki, ashitse ahitwa Nyarugonzi, niho haciye haza iyo modoka, aba polisi babiri bayivamwo, baramuhagarika, baramufata, bamuterera muri ya modoka, bagenda biruka.
Abanyagihugu babonye ifatwa ryiwe eka n’amakuru dukesha ijisho rya Rwanda tribune TV rikorera murako gace, aremeza ko imodoka yanyuruje Gilbert Irakoze ariyuwurongoye iperereza kugwego rw’intara babifashijwemwo n’umukuru wa zone mabayi, asanzwe ari imbonerakure igisibije muri ivyo bice.
Kuva ico gihe anyuruzwa, gushika uwu munsi itarike 02/03/2024 tubandanya kubagezaho iyi nkuru, mwomenya ko n’ubu Gilbert Irakoze umuryango wiwe wamubuze mubusho butandukanye bw’Igihugu.
Ubwoba akaba ari bwinshi, bibaza ko uwabo yagandaguwe bunyamaswa nkuko bisanzwe bimenyerewe.
Umuryango wiwe incuti abagenzi eka nabo bari basangiye akazi barasaba bashimitse ko uwo wese abishoboye yobafasha kugira bashobore kumenya agakuru ka Gilbert Irakoze.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com