Mu Burundi aba polisi n’abasirikare bakora mubice bitandukanye vyigihugu barataka ko inzara ibamereye nabi,igiye kubica, kandi bitwa ngo n’Ingabo z’igihugu.
Abo ba polisi n’abasirikare basemerera bavuga bati: “Dusigaye turya rimwe ku munsi, canke tukanabibura, ngo niyo baramutse ivyo bafungura kenshi biba vyaraboze canke vyarataye igihe (ration déjà expirée date de consommation).”
Akarorero nakaba polisi bakorera muri comisariya ya komine Nyanza-lac intara ya Makamba, baheruka guhabwa ibiharage vyaboze, vyari vyuzuyemwo udukoko twinshi kuburyo atawoshobora kubirya canke ngo anabiteke, kuko birimwo numunuko mwinshi.
Igitangaje ni uko ivyo biharage biboze banabibahaye vyonyene, kuko Aho hambere babahana nifu yibigori, bagatuma bimenya bakigurira imboga bakarisha ubwo bugari bw’ibigori.
Icibagiwe coco ngo ni ukuronka akanyama bari bagenewe kabiri mundwi, ubu batikizi n’agahumuro kazo.
Abo bapolisi bamenyesha ko kuva muri ruhuhuma 2024 (02/2024) gushika 13/ ntwarante/2024 ( 13/03/2024) n’ubwo bufu bw’ibigori batarigera baburonswa na rimwe.
Abo ba polisi bo muri komisariya ya nyanza-lac bakaba bavuga ko vyinshi vyoba banyuruzwa n’indongozi zabo, nkakarorero nuwitwa Liyetena Koloneli Nkunzimana Claude we asanzwe yabigize umwuga, mukwiba mu kwiba infungurwa zabo ayobora.
Abo ba polisi biba inzo fungurwa zabo bajejwe, baba bakorana n’inzego z’igihugu zo hejuru.
Kuko umu polisi yihenze akagira ico avuga aca afungwa iminsi cumi nitanu niyirenga canke akarungikwa gukorera ahandi (mutation disciplinaire).
Akandi karorero naka basirikare bakorera mu kibira ca Rukoko kiri muntara ya BUBANZA gihana umupaka na RDC, nabo bataka ko inzara ivuza ubuhuha ku birindiro vyose bariko bikorera murako gace.
Abo basirikare bavuga ko basigaye baronka infungurwa z’imisi itatu muminsi indwi, bisigura ko bafungura gatatu muminsi indwi.
Bamwe muri abo basirikare bakaba batanguye kugwara inzoka zo munda naza estomac kumvo zo kubura ico bafungura kandi bakora imirimo iruhije.
Nabo nikimwe no mu gipolisi, hagize uwigira ico avuze agirirwa iterabwoba ridasanzwe canke ihohoterwa.
Abarabira hafi ibibera mu gisirikare no mu gi polisi c’u Burundi baravuga ko ivyo bisata vyose bigeze ahatemba, kuko atagihindutse vuba na bwango abo ba polisi n’abasirikare bazoza biba abanyagihugu mu ntumbero yo kuronka ico bafungura.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com