Ubu umuntu wese akenera ifaranga mvamakungu idolari, kurironka aba ari amayeri menshi, kuko za banki ntayo batanga,ngo ntanayo bafise eka naza buro yemerewe kuvunja ayo mafaranga atayo agifise,,,nayo ikitakivugwa coco nukubona ifaranga mvamakungu ryi Ero (Euro) ryabanyabulayi.
Kuronka idolari rimwe, Ubu bisaba kuba ufise hagati yibihumbi bitanu na mirongo umunani (5080fb) nibihumbi bitanu nijana (5100fb).
Abo bakora akazi ko kuvunja bakabona ko vyose biterwa na politike mbi yuburongozi bw’Igihugu c’Uburundi.
Ikindi biva kukuntu uburundi bwugaye imipaka igihuza n’URWANDA,kudashira hamwe n’abandi banye politike bo mugihugu,eka hamwe nimigenderanire itifashe neza n’ibihugu vyahora bifasha uburundi mubisata bitandukanye vy’ubutunzi.
Hari no gukoresha amafaranga mvamakungu mungendo za burimwanya n’abategetsi b’igihugu hamwe nubutungane butacizewe n’abarundi benshi eka n’abandi bava hanze bazanye imitahe yo gukora.
Abo banyamahanga, n’abarundi bava hanze y’igihugu, basigaye batinya cane kuzana imitahe yabo m’uburundi kubera ibiturire (corruptions) vyasasiwe indava n’abategetsi.
Abo bategetsi i dolari barigize urucuruzwa rwabo rudasanzwe, kuko baja kuyitorera mwibanki nkuru y’igihugu (BRB) uko bashatse kandi kugiciro gito cane..
Baraheza bagaca baja kuyivunjishiriza muma buro ayafise canke kuri magendu (marché noir) bakuyingukira umurengera..
Nabo baca baja kwigurira amazu,amamodoka ,, ifaranga ry’uburundi rikabandanya guta agaciro kumunsi kumunsi, ifaranga mvamakungu rikabura, ivyo vyose bigatuma igihugu c’Uburundi kija mubukene budasanzwe.
Abashingamateka bahamagaje umushikiranganji wikigega ca leta Audace iujyhgv 0`2/dcivyo bibazo vyose..
Uwo mushikiranganji yabishuye ko igituma abanyamitahe batakiza mu Burundi,ari kubera ata mabarabara meza ahari (des bonnes routes),umuyaga nkuba udakwiye eka ntana internet ishemeye ihari,,izo ngo nizo mvo nyamukuru zituma abanyamitahe mvamakungu hamwe n’abarundi baba hanze batakizana imitahe yabo m’uburundi..
Ariko abakurikiranira hafi ibibera mu Burundi,baramenyesha ko igituma abanyamitahe basigaye bahunga igihugu c’Uburundi, bituruka kucuka kibi kiri mubutunzi bw’Igihugu, ibiturire vyimonogoje mubisata vyose hamwe n’ubutungane butagikingira bene kuzana imitahe..
Mukanamenya ko igihugu c’Uburundi cashizwe no kurutonde rwambere mu bihugu vyibasiwe n’igiturire kw’isi yose..
Ikindi hari n’abategetsi benshi bavuzwe no muma dosiye yubunyonyezi bw’ubutunzi bw’Igihugu, ariko ubutungane ntihagire nakimwe bubikorako.