Prezida Mohamed Bazoum wa NIGER ari muminwe y’abasirikare bari bajejwe kumucungera, bariko bagerageza kumutembagaza kubutegetsi.
Kuri uno wagatatu akarwi k’abasirikare bajejwe gucungera umukuru w’igihugu ca Niger Mohamed Bazoum kashatse kumutembagaza kubutegetsi ndetse gushika kuri uno mugoroba akaba yarakiri muminwe yabo.
Amakuru ava I Niamey umurwa mukuru w’ico gihugu ,avuga ko habaye ibiganiro ariko ako karwi kakaba kanse kumurekura. Abashikiranganji bamwe bamwe bakaba nabo nyene bafashwe nako karwi, aha twovuga nk’uwintwaro mugihugu hagati hamwe nuwo kwivuna abansi.
Général Omar Tchiani yarasanzwe arongoye abasirikare bacungera Prezida Bazoum niwe arongoye ako karwi k’abasirikare bashatse gutembagaza ubutegetsi.
Abandi basirikare ba Niger bakaba bamaze kumenyesha ko biteguye guhangana nabo bagumutse.
Amashirahamwe CEDEAO n’ubumwe bwa Qfrika ,bakaba bamaze kwiyamiriza iryo hirikwa ry’ubutegetsi ryateguwe nako karwi.
Kugeza ubu ariko, ngo ubuzima bwa Prezida Mohamed Bazoum n’umuryango wiwe bukaba bwari bucifashe neza.
Fréddy NKURUNZIZA
Rwandatribune.com