Mugihe ishirahamwe CEDEAO ryatumyeko iyindi nama y’abakuru b’ibihugu bigize uyo muryango, ibihugu vya Mali na Burkina Faso vyovyo vyarungitse intumwa i Niamey gushigikira abanya Niger
Ibihugu vya Mali na Burkina Faso bihejeje kurungika intumwa i Niamey kumurwa mukuru wa Niger. Izo ntumwa zirongowe na Colonel Abdoulaye Maïga, umushikiranganji wa Mali ajejwe intwaro mugihugu hagati akongera akaba n’umuvugizi wa reta.
Izo ntumwa ngo zikaba zijanywe no gufata mumugongo abavandimwe babo b’abanya Niger, nkuko bimenyeshwa mw’itangazo ry’ibisirikare ry’ivyo bihugu uko ari 2, Burkina Faso na Mali.
Hakaba ari inyuma y’amasaha makeya ikiringo ibihugu bigize umuryango wa CEDEAO vyahaye abatembagaje ubutegetsi muri Niger ngo babe babusubije Prezida Mohamed Bazoum yahiritswe, CEDEAO yatumyeko iyindi nama igira 2 y’abakuru b’ibihugu bigize uyo muryango kugirango bafate ingingo y’ico korwa muri Niger. Iyo nama ikaba itegekanijwe kumusi wa kane itariki 10/08/2023.
Igikorwa co gusubiza ibintu muburyo muri Niger ariko kikaba gisa nikitariko kirorohera Prezida Bola Tinubu wa Nigeriya asanzwe arongoye CEDEAO muri kino gihe. Uretse ibihugu vya Mali na Burkina Faso vyaciye vyihuta kurungika intumwa gushigikira abanya Niger, n’inama nkenguzamateka ya Nigeriya yaramenyesheje kuwa 05/08/2023 ko ititeguriye kwemerera reta y’ico gihugu kurungika abasirikare muri Niger.