Ubutegetsi muri Niger bwahaye amasaha 48 Sylvain Itté aserukura Ubufaransa i Niamey ngo abe yavuye kubutaka bw’ico gihugu, ariko Ubufaransa bwamiriye kure iyo ngingo ngo kuko yafashwe n’abatabifitiye uburenganzira
Ubutegetsi bwa gisirikare muri Niger bwategetse kuri uyu wa gatanu uwuserukira igihugu c’Ubufaransa kuba yavuye kubutaka bwa Niger mumasaha atarenga 48 nkuko biri mw’itangazo ry’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’abatembagaje ubutegetsi bwa Prezida Mohamed Bazoum.
Ariko rero ubufaransa bukaba bwananye, buriyamiriza iyo ngingo. Nkuko bimenyeshwa n’ubushikiranganji bw’imigenderanire bw’ubufaransa, abahiritse ubutegetsi ntabubasha bafise bwo gufata iyo ngingo. Ubufaransa bukamenyeshako Sylvain Itté abuserukira I Niamey, yemerewe kurangura iyo mirimo n’ubutegetsi bwatowe n’abanyagihugu, ari naco gituma abatembagaje ubwo butegetsi atabubasha bamufiseko.
Ubutegetsi bwa gisirikare muri Niger bugasigurako uwo aserukira ubufaransa yabusuzuguye mugihe ubushikiranganji bw’imigenderanire bwamutumiye mumubonano n’abandi baserukira ibihugu vyabo muri Niger, ariko akanka kwitaba ubwo butumire. Ivyo ngo bikaza vyiyongera kuzindi nyifato zitari nziza kandi ziteye kubiri n’inyungu za Niger, ubufaransa buguma bwerekana.
Hakurya yaho naho muri Burkina Faso, Capitaine Ibrahim Traoré aramutswa ico gihugu akaba nawe yanse kwemera uwuheruka kurungikwa n’Ubufaransa kubuserukira muri ico gihugu. Prezida wa Burkina Faso Ibrahim Traoré akaba yaranse kwakira ambasaderi Mohamed Bouabdallah yagenwe n’ubufaransa ngo aje gusubirira mugenzi we Luc Hallande yirukanwe n’ubutegesi bwa Capitaine Ibrahim Traoré mu mpera z’Umwaka wa 2022, yagirizwa kwivanga muvyerekeye abanye Burkina Faso ubwabo.
Freddy Nkurunziza