Iki gitero cyabaye mu gihe hategerezwe inama y’abakuru b’ibihugu bagize umuryango wa Afrika yunze ubumwe mu murwa mukuru Niamey.
Abategetsi batangaje ko abasirikare basaga 18 bishwe mu gitero cyakozwe n’aaikekwa ko ari intagondwa.
Umutekano nimuke mu karere ka Sahel muri aya mezi ya vuba, bivuye ku bitero ry’imitwe y’intagondwa zigendera ku matwara y’idini ya Islam hamwe n’abagendera ku moko.
Ubwa mbere imodoka ebyiri zaturikirijwe mu bwinjiriro bw’inkambi. Aho abitwaje intwaro baje ku mamoto, batangira kurasa.
Abasirikare ba Nigeria babigijeyo bifashishije indege z’Abafaransa basanzwe babafasha- hamwe n’abanyamerika- zifise inkambi irimwo indege muri icyo gihugu.
Abasirikare 18 bishwe abandi bane baburirwa irengero.
Icyo gihe nta mutwe wigezewigamba icyo gitero, ariko intagondwa zifatanije na leta ya ki Islam mu bugaragwa bwa Sahara zirazwi ko zikorera murako karere, hafi y’impaka icyo gihugu gahana imbibi n’ibihugu bya Burkina Faso na Mali .
Ni hafi y’ishyamba abasirikare babakomando ba leta zunze ubumwe z’ Amerika bapfiriyemwo mu 2017.