Kuri uyu wa kabiri itarike 27/02/2024 hateraniye Inama i Bujumbura kuri hôtel club du lac Tanganyika,yerekeye kunagura igisata c’ubukerarugendo 2024(États généraux du tourisme édition de 2024), izomara iminsi ibiri 27-28/2024.
Iyo nama ikaba yuguruwe na président Evariste ndayishimiye, ifise icivugo co kunagura igisata cingenzi n’iterambere rigana 2040-2060.
Abarundi bakibaza izo nama zama zikorwa ataco zigera zimarira Uburundi n’abarundi mwiterambere ry’igihugu ico zigamije.
Benshi bakabona ko ahubwo ari ya ngeso ya leta yo gutegura gusahura no guhuma amaso abarundi n’amakungu ngo hari imigambi y’iterambere bafise.
Bakibaza igihugu kitakigira amabarabara meza haba mu bisagara no mugihugu hagati, ntamuriro (électricité) ukirangwa mugihugu cose, nababa mumiji basigaye bawuronka rimwe mundwi (une fois par semaine) ngo niyuje utakirenza isaha imwe canke zibiri watevye.
Ikitakivugwa coco ni kuronka ifaranga mvamakungu i Burundi. Ikindi u Burundi n’igihugu ciziziwe nibiturire ( corruption) kugwego rwo hejuru munzego zose zigihugu.
Hari ubwicanyi ndengakamere,ifatwa ninyuruzwa ry’abantu agasakisaki.
Noneho na président Evariste Ndayishimiye nawe arabishimingaye neza, aho avuze ko imiji (villes du Burundi) zose zuzuye umwanda,ubucafu bidasanzwe.
Aho wenyene yitangiye akarorero ko mugisagara ca Bujumbura hagati aho bita kuri bata na alimentation idéale huzuye umwanda.
Président Evariste ndayishimiye yivugiye ko n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura vyamunaniye kukigurira isuku ngo ahubwo agiye kuza araja ahikuburira wenyene.
Abanyagihugu bakivugira ko ayo ari yamajambo yama avuga burigihe, ataco yigera ahindura, ndetse bamaze no kuyarambirwa. Ahubwo ngo yarakwiye kuza yihorera akareka kubaruhisha.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com