Abagabo barenga amajana abiri bo mu bwoko bw’aba Tutsi n’Abanyamurenge barenga 200 baramaze gutambwa mumvuto muri Repuburika ya Demokarasi ya Congo bagirizwa gukorana n’umuhari M23 .
Bakaba bafungiwe kumurwa mukuru i Kinshasa no mubundi busho butandukanye bw’iperereza muri KIVU y’amajepfo n’iyamaja ruguru.
Nkuko bishikirizwa n’incuti zabo, ngo bagirizwa gukorana n’umuhari M23, kandi bafunzwe muburyo bubi cane. Aha rero abamenya amakuru y’ababo n’abafungiwe i Kinshasa, nayo abari mubusho bw’ipererza ntayambu ryabo.
Eka no muyindi miji nka GOMA, naho nyene abagabo n’abasore bo mubwoko bw’abatutsi n’abanyamulenge barabangamiwe kuko baza barafatwa buhoro buhoro nabo nyene bagirizwa ko bakorana n’umuhari M23.
Imiryango yabo bafunzwe yarituye abategetsi ba Congo ariko biba impfagusa. Eka n’abaharanira agateka k’inkehwa z’abatutsi n’Abanyamulenge aho muri Congo bagumye basemerera basaba irekurwa ryabo bantu bariko bazira ubusa, ariko reta ya Congo iguma yica amatwi.
Muri kino gihe rero ngo kuba uva mubwoko bw’abatutsi canke Abanyamulenge, n’icaho c’inyanduruko imbere ya reta ya Kinshasa.
Freddy Nkurunziza
Rwanadtribune.com