Jean Pierre Bemba, umwe mu batunganya ukwiyamamaza kwa prezida Félix Tshisekedi, yamirira kure ibihuha bijanye nuko amatora ategekanijwe mumisi umunani iri mbere muri repubulika ya demokarasinya Congo ashobora kwegezwa inyuma.
Nk’uko yabitangarije i Mbandaka mu ntara ya Equateur, umushikiranganji wa Congo wo kwivuna abansi Jean-Pierre Bemba ngo hamwe umurwi ujejwe gutunganya amatora wokwigiza inyuma amatora yimirije y’umukuru w’igihugu, ay’abashingamateka n’ayabayobozi b’intara n’amakomine, ngo yoba ari inkuru y’incamugongo ku banywanyi b’umugambwe wa Prezida Felix Tshisekedi ariwo ufise amahirwe yo gutahukana itsinzi muri ayo matora yose.
Jean-Pierre Bemba yagize ati : « Mwibaza ko ivyo turimwo ari uguhuma amaso? Ndiko nsheta ubuzima bwanje mukuzunguruka muri kajugujugu mubintu vyo gufyinata ? Niko mwibaza ? Muribesha ».
Arongera ati : « Nk’uko vyavuzwe, hamwe amatora yokwigizwa inyuma yoba ari inkuru y’incamugongo kuri twebwe. N’ayo ahandi ntabwoiba dufise na gatoya. Reta yaragiranye amasezerano na Angola, hariho indege zizafasha kunguruza ibikoresha vy’amatora kugirango kw’igenekerezo rya 20 Kigarama amatora ntasibe”.
Uko niko umukuru w’Umuhari MLC Jean-Pierre Bemba yabishimangiye mu kiganiro n’abamenyesha makuru i Mbandaka muburaruko bushira ubuseruko bwa Repubulika ya demokarasi ya Congo.
Mu gihe hasigaye imisi umunani gusa, umurwi ujwe amatora CENI urongowe na Denis Kadima ufise kugera ubu, naho hari igihengeri c’imiriyoni 170 z’amadorare y’abanyamerika kugirango amatora yose agende neza nkuko bibereye.
Nayo kubijanye n’ibikoresho vyovyo, reta ya Kinshasa yaramaze kubitunganya mugutegekanya indege z’igihugu ca Angola kugirango zishikane ivyo bikoresho mumihingo yose y’igihugu no muduce tugoye kugeramwo.
Freddy NKURUNZIZA
Rwandatribune.com