Ubuyobozi bw’umuhari M23 butera akamo akarere n’amakungu, kugarukira abanyagihugu bariko baragandagurwa atacamira n’ingabo za leta ya Kinshasa FARDC.
Mw’itangazo ubuyobozi bwa M23 bwasohoye kuri uno wa kane itariki 30/11/2023, bumenyesha ko hari ubwicanyi buteye ubwoba buriko burakorwa mu banyagihugu b’inzirakarengane mu karere ka Masisi, bikunyurwa nuko abo banyagihugu bugarijwe n’ubukene ntangere, hamwe no kutagira ababagarukirako mukubaha imfashanyo.
M23 ikamenyesha ko ubwo bwicanyi n’ayandi mabi atandukanye biriko bikorwa n’ingabo za leta FARDC, zifatanije na FDLR, Abacancuro, Wazalendo n’ingabo z’Uburundi.
M23 ikaba yiyamiriza agacerere k’amakungu kubwicanyi bujanye n’ihonyabwoko n’ iterwa ry’ama bombe mu banyagihugu biriko birabera muri Kilorirwe.
Aha M23 ikibutsa n’ibitero vyakozwe na leta ya Kinshasa kuwa 28/11/2023 kubanyagihugu b’ahitwa Bwato muri tereritwari ya Rutsuru.
M23 iriyamiriza kandi ingene leta ya Kinshasa ikoresha indege, n’ibisasu biremereye mukwica abanyagihugu batariko barayigwanya.
N’ubwo biruko umuhari M23 umenyesha ko utazohengeshanya gukingira abanyagihugu no kwigwanaho kinyamwuga.
Freddy NKURUNZIZA
Rwandatribune.com