Mu Burundi, umunywanyi w’umugambwe CNL Désiré Bizimana wo muri zone Buringa komine GIHANGA intara ya BUBANZA, yaranyurujwe n’abantu bataramenyekana.
Abanyagihugu bo muri zone Buringa, bakavuga ko yoba yarafashwe, ajanwa n’abatwara igendereza muriyo ntara ku munsi wagatandatu iginerekerezo rya 10/02/2024.
Bukeye bwaho kumunsi w’Imana igenekerezo rya 11/02/2024 bamutwara mugisagara ca Bujumbura kumufungira ahantu hataramenyekana.
Bizimana Désiré bakaba bamuhagaritse bamusanze kukazi kiwe ka minsi yose, aho yari umuyobozi w’iyororero ry’inka murako gace.
Kuva ico gihe ajanwa i Bujumbura, Umuryango wiwe wagerageje kumurondera mu busho butandukanye bw’Igihugu ariko baramubuze.
Abanyagihugu eka nabanywanyi ba CNL, bakabona ko ari gwarukurikirane rwo guhiga buhongo no gutoteza uwo wese atavuga rumwe na Cndd FDD.
Mukanamenya ko aho muri zone Buringa, haheruka no no gufatwa nuwundi munywanyi wa CNL, yarasanzwe anaserukira urwaruka rwa CNL muri zone Buringa itarike 28/01/2024 yitwa Georges NIMBONA .
Abanyagihugu ba komine GIHANGA, abayobozi ba CNL, barasaba bashimitse ko urwo ruhigi rwagasakisaki kubanywanyi babo eka n’abandi bose vyohagarara vuba na bwango.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com