Ihinguriro Heineken ryo mu Buholande ryagurishije imitahe yaryo mu Burusiya kw’ifaranga rimwe gusa ry’amafaranga y’amanyaburaya bita ama Euro. Ubutunzi bwa Heineken mu Burusiya bwari bugizwe n’amahinguriro 7 akoresha abakozi 1.800. Igitangaje n’uko iryo hinguriro ry’inzoga ryo mu Buholande ryafashe ingingo yo kugurisha vyose kuri euro 1 yonyone.
Ihinguriro Heineken ryamenyesheje ko rizogira igihombo c’imiliyoni 30 z’amafaranga y’amanyaburaya euro, mu kugurisha iyo migabane yayo kw’ishirahamwe ry’abarusiya ryitwa Arnest, risanzwe rihingura ibikopo. Inyuma y’ifatwa ry’iyo ngingo, iryo hinguriro ry’inzoga ntirizosubira kuvugwa muri ico gihugu. Hakaba hari haheze umwaka umwe n’igice iryo hinguriro ryiyemeje gukura meza kubutaka bw’Uburusiya. Amahinguriro menshi y’abanya buraya akaba yaravuye mu Burusiya kuva aho ico gihugu gitereye igihugu ca Ukraine mu kwezi kwa kabiri mumwaka w’ 2022.
Dolf van den Brink arongoye uruganda rwa Heineken yagize ati: “Ibi vyafashe umwanya munini gusumba uwari utegekanijwe. Ariko uku kugurisha gutuma haboneka uburyo bwo kuba burabeshejeho abakozi bacu, binatume tuva muri kino gihugu ata co twinona”. Inyuma y’iryo gurishwa rero, ishirahamwe Arnest rizokwegukana ayo mahinguriro uko ari indwi mu kuriha gusa euro 1 gusa, ariko kandi rikiyemeza guha akazi abo bakozi 1.800 no kukabagumiza mukazi mu myaka itatu iri imbere.
Akaba ariko atari Heineken yonyene ihevye gukorera mugihugu c’uburusiya mumashirahamwe y’abanya buraya. Mu kwezi guheze, prezida Vladimir Putin yarigaruriye ubutunzi bw’Uburusiya bwari bufiswe na Carlsberg hamwe n’ishirahamwe ry’abafaransa rya Danone.
Mu ntango z’iyi ndwi, nyene ishirahamwe DP Eurasia, rikora Pizza mu Burusiya, ryaramenyesheje ko rizokwugara ibibanza ryakoreramwo ndetse n’ishirahamwe ryose rikugara. Iryo shirahamwe rikavuga ko ritazonagerageza kurondera kugurisha imigabane yaryo ngo kubera ibintu vyifashe nabi kandi bigenda bigora gusumba. Ayandi nka MacDonald na Coca-Cola yaratewe igitsure kugira atinde yemere kuvayo.
Kaminuza ya Yale ikurikirana amakompanyi amaze kuva mu Burusiya n’ayagikorera muri ico gihugu imenyeshako muyasigaye harimwo iry’Ubwongereza ry’itumatumanako BT Group hamwe na Lacoste ry’abafaransa rihingura impuzu za sport zo mu rwego rwo hejuru.
Freddy Nkurunziza