Urukurikirane rw’imodokari zari zitwaye umukandida w’abatavuga rumwe n’ubutegetsi mu matora muri Tanzaniya zahagaritswe amasaha atari make kuri uyu wa kabiri. Ni inyuma y’imisi, umurwi ujejwe amatora utegetse ko ibikorwa vyiwe vy’imyiyamamazo biba birahagaze kuko yagirijwe guca kubiri n’amategeko.
Tundu Lissu, umukandida w’umugambwe Chadema, yariko aja mu karere ka Kibaha ava i Dar es Salaam, igihe yahagarikwa n’abaporisi bitwaje ibirwanisho bikomeye.
Ibimenyeshamakuru muri ako karere vyavuze ko abanywanyi biwe bari kumwe bafunzwe ariko we bamuretse.
Komisiyo ijejwe amatora ku musi wa gatanu yarabujije Lissu gukora imyiyamamazo imisi indwi. Ni inyuma yo kuvuga ko yaronse ibirego vy’umugambwe uri ku butegetsi n’uwundi mugambwe ko yakoresheje imvugo ihamagarira abantu kugarariza ubutegetsi. Lissu kandi yagirizwa gukora amakoraniro y’abantu benshi ubutegetsi butabizi.
Uwo mukuru w’umugambwe Chadema yavuze ko bazohagarika imyiyamamazo nkuko babisabwe, ariko ko ari akarenganyokandi biteye kubiri n’amategeko.
Lissu azohiganwa na Perezida John Magufuli, ariko arondera gutwara iyindi manda y’imyaka itanu mu matora yo kw’igenekerezo rya 28 uku kwezi kwa cumi. Abandi bakandida barenga cumi bazoba bari muri iryo higanwa.
Ntirandekura Dorcas