Umunyamabanga wa Leta y’urwanda mu Bushikiranganji bw’imigenderanire ajejwe imigenderanire mubihugu vyo mukarere Gen James Kabarebe aremeza ko Leta y’urwanda yiteguye gutanga abashatse gutembagaza ubutegetsi mu Burundi muri 2015 ariko Leta y’uburundi nayo harivyo isabwa kugira umutekano wabo ukingirwe mu gihe boshikirizwa inzego z’uburundi.
Gen james Kabarebe asanzwe ari umunyamabanga mukuru wa Leta y’urwanda mu Bushikiranganji bw’imigenderanire ajejwe ibibazo vy’imigenderanire mu bihugu vyo mukarere aremeza ko abashatse gutembagaza ubutegetsi bw’umuhisi Prezida Petero Nkurunziza muri 2015 bari mu Rwanda kandi ko hari umugambi wo kubatanga ku nzego z’uburundi ariko bigaca mu nzira zubahirije amategeko.
Mu kiganiro yagiranye na Mvemba Dizolele umushakashatsi mu kigo cigisha ivyo imigenderanire(Center for Strategic and Internation Studies)co muri Amerika kuwa 31 gitugutu 2024,Gen James Kabarebe yamenyesheje ko Kugira abo bashatse gutembagaza ubutegetsi bashikirizwe igihugu c’uburundi,Leta y’uburundi isabwa kwerekana ugushaka mu gukingira abo bantu kugira Urwanda ntibizobabazwe mu gihe hogira ibishikira abo bantu.
James Kabarebe avuga ko imigenderanire y’uburundi n’urwanda yatanguye gutosekara inyuma igeragezwa rya Coup d’Etat ya 2015 ku butegetsi bw’umuhisi Petero Nkurunziza ariko iza kongera kuja imbere muri 2022 ariko 2023 imigenderanire yongera gutosekara,mbere Leta y’uburundi ihava yugara imipaka yose bihana n’urwanda guhera muri Nzero 2024.
Prezida Evariste Ndayishimiye yari yaramenyesheje ko hariho amasezerano bari bagiranye n’urwanda yo gutahana abo bashatse gutembagaza ubutegetsi ariko biza guhagarara ata mpamvu.
James Kabarebe ntahakana ko abo bashatse gutembagaza ubutegetsi batari mu Rwanda ahubwo ko kubarungika arivyo kwitondera kugira ntibazogire ikibazo mu gihe botahukanwa.
Yagize ati:”Twobashira he??bari mu Rwanda!kandi turiteguye kubatanga ku gihugu c’uburundi.kandi twaramaze kuganira uko botahukanwa ariko hatabanjwe kwiga uko bakingirwa mu gihe botahukanwa ntibishoboka ko twobarungika.”.
Leta y’urwanda isanga aba bantu bafatwa nk’impunzi bakingiwe n’ishirahamwe mpuzamakungu riraba impunzi HCR,hamwe borungikwa iburundi badakingiwe ivyobashikira vyobazwa urwanda.”James Kabarebe”.
James Kabarebe rero avuga ko Leta y’uburundi nimba yiteguye kwemera ivyo isabwa n’urwanda kumutekano w’aba bantu nta nkeka Leta y’urwanda iriteguye kubatanga.
James Kabarebe yavuzeko uburundi butari bukwiye kurungika ingabo z’uburundi muri kongo kwifatanya n’igisirikare ca Kongo(FARDC) bakifatanya n’umuhari FDLR wakoze ihonyabwoko mu Rwanda,ivyo bisa nko guhemukira urwanda.
Amos TWAGIRAMUNGU
Rwandatribune.com