Igihuhugu c’ubudagi kigiye gushiraho itegeko rirekura gufata ikiyobyabwenge “Cannabis” kubantu bavyifunza ariko kurugero ruzwi. Iryo tegeko ngo rikaba ari rimwe muyandi y’impinduka reta y’Ubudagi itegekanya gushira mungiro mumezi ari imbere.
Ingingo nkuru nkuru zigize iryo tegeko zikaba zashizwe ahabona mukiganiro yahaye abamenyeshamakuru I Berlin, kuri uno wa gatatu tariki ya 16/8/2023 n’umushikiranganji w’ubudagi ajejwe amagara y’abantu Karl Lauterbach. Inama nshingamateka nayo ngo ikazoca yihweza iryo tegeko muminsi iri imbere.
Karl Lauterbach akaba yashikirije iyo nteguro yitegeko yishimye cane ngo mugihe iryo tegeko ngo rizogira akarusho gusumba ayandi mategeko yo mubindi bihugu kubijanye no gufata ico kiyobyabwenge Cannabis. Umushikiranganji w’ubudagi w’amagara y’abantu agira ati: “Isoko ryo mukinyegero riguma ritera imbere, ibicuruzwa batanga bikaba bitameze neza bifise utunenge, nayo igipolisi n’ubutungane bikarengerwa”.
Iryo tengeko aho rizoba ritandukaniye n’ayo ahandi nko mubu Hollande, ngo nuko iyo Cannabis itazopfa uko icurujwe muma boutique, muma alimentation no muma magazine. Kugirango uyihabwe nuko uzoba uri umunywanyi wa club canke ishirahamwe rijejwe kugenzura no gukurikirana ikoreshwa ry’ico kiyobyabwenge.
Nk’urugero, umuntu akuze ashobora kugura amagarama 25 kumusi, akageza kumagarama 50 kukwezi. Nayo umuntu wese ashobora kugira ibiti 3 vy’igiterwa ca Cannabis akoresha wenyene.
Freddy Nkurunziza