Piotr Hofmanski ariko araronderwa n’Uburusiya, uyo munya Pologne akaba yashizwe kurutonde rw’abantu baronderwa n’ubushikiranganji bw’intwaro mugihugu hagati bw’Uburusiya.
Inyuma yaho mukwezi kwa gatatu uyu mwaka, sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI isohorereye umutahe wo gufata umukru w’igihugu c’Uburusiya Vladimir Poutine hamwe na Maria Lvova Belova komiseri w’Uburusiya ajejwe agateka k’abana, bagirizwa n’umushikirizamanza wa CPI icaha c’ihonyangwa ry’agateka ka muntu murudandazwa rw’abana, Uburusiya nabwo bwahagurukiye sentare mpuzamakungu mpanavyaha.
Umukuru w’iyo sentare Piotr Hofmanski aturuka mugihugu ca Pologne ariko arondezwa urushinge n’igihugu c’Uburusiya. Ico gihugu ariko ntigitomora ico kimwagiriza.
Uburusiya burahiga kandi abandi baca manza babiri biyo sentare, nabo nyene bari kurutonde rw’abaronderwa.
Nabo ni Ibanez Carranza, iegera c’umukuru w’iyo sentare, hamwe na Bertram Schmitt umucamanza w’umudagi ariko akaba atakindi bamuvugako, mugihe atari mubarongoye sentare kandi atari no mubasohoye umutahe wo gufata prezida Poutine.
Mukwezi kwa gatatu inyuma y’isohorwa ry’umutahe wo gufata Vladimir Poutine, umurwi w’amatohoza w’uburusiya ukaba waciye utangura amatohoza vyihuta.
Inyuma y’amezi abiri, umushikiriza manza wa CPI Karim Khan akaba yaciye yagirizwa n’Uburusiya icaha co kuvogera uwuserukira igihugu c’amahanga.
Abaca manza batatu nabo bemeje umutahe w’umushikiriza manza Karim Khan wo gufata Prezida Vladimir Poutine nabo nyene batangura gukurikiranwa.
Inyuma y’imisi itari mike baharira kuri ico kibazo i La Haye mubu hollande, ahari icicaro ca sentare mpuzamakungu mpanavyaha, abategetsi bico gihugu bahavuye bagondozwa baremera gutanga imiduga ntamenwa bita “blindés”, izoza iragenderamwo abo bacamanza ba CPI baronderwa n’Uburusiya.
Freddy NKURUNZIZA