Inyuma y’ibitero vya drone za Ukraine kuri Moscou, igisirikare c’uburusiya kimenyeshako kigiye kurushirizaho kwikingira ibitero vyozanana mumazi no mukirere
Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi w’Uburusiya, Sergei Shoigu, yatangaje ko kubera Ukraine yananiwe mu bitero vyayo vyo kwigarurira ibice vyafashwe n’Uburusiya, ngo muri kino iriko yihatira gukora ibitero vy’iterabwoba mu bibanza vya gisivile.
Uburusiya, ejo ku musi w’Imana bwari bwatangaje ko bwasambuye indege zitagira abadereva bita drone za Ukraine zari zije gukora ibitero ku murwa mukuru, Moscou no mu kigobe ca Crimeya, Uburusiya bwigaruriye mu mwaka w’i 2014. Aha bikaba biboneka ko Ukraine yijukiye ibitero kubutaka bw’uburusiya ikoresheje za drone.
Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky akaba yatangaje ko ingwano yagarutse ku butaka bw’Uburusiya, kandi ko ariko ibintu vyabwirizwa kugenda.
Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi w’Uburusiya, Sergei Shoigu, akaba nawe yatangaje ko igisirikare cafashe ingingo zo kurushirizaho kwikingira ibitero biturutse mu kirere no mu mazi.
Abategetsi b’Uburusiya bakaba bavuze kandi ko ibitero vy’indege zitagira abadereva arizo drone, Ukraine iherutse kugira ku murwa mukuru, Moscou, ari igikokwa c’ukwiheba mugihe Ukraine iriko iratsindwa ku rugamba.
Nkurunziza Freddy