Umukuru w’igihugu ca Ukraine aragaragaza ko igihugu ciwe kirembejwe n’ibitero vy’urutavanako vy’Uburusiya, agasaba amakungu kugira urunani ngo amutabare isi yose itarinjira muntambara
Munama igira iya 78 y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU iriko ibera I New-York muri Leta zunze ubumwe za Amerika, Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky yagize ati: “Akabi ntawokizera,”.
Perezida Zelensky yavuze ko ari ngombwa ko Uburusiya, nk’igihugu gitunze ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara, buhagarikwa “mu gikorwa cabwo co gukwegakwegera isi mu ntambara ya nyuma”.
Zelensky yagirije kandi Moscou gukoresha ibintu vyose nk’ikirwanisho, kuva ku mfungurwa gushika ku masoko ntanganguvu.
Mw’ijambo ryibanze, prezida wa Ukraine yamenyesheje ONU ko izindi ngorane zose rusangi kw’isi, nk’ihindagurika ry’ikirere, zishobora gutorerwa umuti neza, mugihe Moscou izoba yarasubijwe inyuma.
Avuga kandi ko mu bisanzwe Uburusiya budafise uburenganzira bwo gutunga ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara.
“Gufata ibintu vyose ukabigira ikirwanisho bitegerezwa guhagarikwa, ivyaha vyo mu ntambara bitegerezwa guhanwa, abantu bakuwe mu gihugu ku nguvu bategerezwa gutahukanwa, kandi uwateye igihugu ategerezwa gusubira iwe. Dutegerezwa kugira urunani kugira tubishikeko, kandi tuzobikora”, uko niko Zelensky yavuze.
Yanongeye yagiriza Uburusiya gukora “ihonyabwoko” mu kunyuruza abana ba Ukraine.
Kuri ivyo, mukwezi kwa 3 uyu mwaka wa 2023, Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha (CPI/ICC) ikaba yarasohoye umutahe wo guhagarika Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya ku vyaha yagirizwa vyo kunyaga abana ba Ukraine akabatwara mu Burusiya.
Freddy NKURUNZIZA