Umunywanyi w’umugambwe CNL wo kumutumba kagwena commune GIHANGA intara ya BUBANZA, yaranyurujwe n’abantu bataramenyekana kumunsi wakabiri igenekerezo rya 20/02/2024.
Uwo yanyurujwe akaba Yitwa BAMPORIKI David, bakaba bamutwaye igihe cisaha zatatu n’igice zijoro (21h30mn), bamusanze kurugo iwe.
Akaba yanyurujwe n’abantu bambaye impuzu za polisi, bafise ninkoho,biyoberanije mumaso..
Abanyagihugu baho bavuga ko boba ari abakozi biperereza (SNR) bo muntara ya BUBANZA.
Baje bafise imodoka yo mubwoko bwa Toyota ifise ibiyo bitabona eka idafise nibiyiranga (voiture Toyota Hilux à vitre teintée sans immatriculation).
Bamutwaye aboshe bagenda bamukubita buyoka, aboroga, nkuko amakuru dukesha isoko rya Rwanda tribune TV riherere murako gace,ribimenyeshwa n’abanyagihugu babana na David BAMPORIKI.
Abamunyuruje baciye bafata ibarabara rya gatanu berekeza mugisagara ca Bujumbura.
Umuryango wiwe, incuti abagenzi eka nabo basangiye umugambwe, bakaba bataramenya aho uwabo afungiwe.
Bakaba bafise ubwoba bwinshi, kubera ashobora kugandagurwa bunyamaswa nkuko bisanzwe bimenyerewe.
Mukanamenya ko uwo abaye umunywanyi w’umugambwe CNL agira gatatu anyurujwe n’abantu bataramenyekana mundwi zitatu zikurikirana muri komine GIHANGA , ndetse n’imiryango yabo ikaba iri mugahinda numubabaro bidasanzwe,kuko batazi ko ababo bemerewe,,,bibaza ko nukwicwa boba barishwe