Zoleka Mandela, umwuzukuru w’uwahoze ari perezida wa Afrika y’Epfo Nelson Mandela n’umugore wiwe Winnie Madikizela Mandela, yapfuye muri iri joro ryo kuwa mbere afise imyaka 43. Yahitanwe n’indwara ya Cancer yaramaranye imyaka myinshi arwana nayo.
Nkuko biri mw’itangazo ry’umuryango wiwe, Zoleka yari yajanywe mu bitaro kuwa mbere kubandanya avurwa cancer yo mu gitigu, mumahaha, mu bwonko , no m’uruti rw’umugongo yari amaranye imyaka myinshi.
Aho inkuru y’urupfu rw’uyu mukenyezi yari asanzwe ari n’umwanditsi w’ibitabo imenyekaniye, yababaje benshi muri Arfrika y’Epfo.
Zoleka Mandela yerekanye ubutwari mu kwemanga iyo ndwara ya Cancer, mukuyirwanya ndetse no gutera intege abayifise ngo ntibihebure.
Mumwaka w’ 2012 niho bamutora ubwa mbere cancer y’ibere, ndetse bongera baranayimutora ubugira kabiri ariko akaza arayikira.
Mu kwezi kwa 8 umwaka uheze wa 2022 niho yavuga ko basanze indwara ya cancer yatandukiriye amahaha, igitigu, imbavu n’uruti rw’umugongo.
Zoleka akaba yari afise abana batandatu, harimwo uwavutse mukwezi kwa kane kw’umwaka uheze w’2022.
Zoleka yamenyekanye cane kubera igitabo yanditse k’ubuzima bwiwe yise “When Hope Whispers”, yasohoye mumwaka w’ 2013 avuga ku rugamba yatsinze rwa cancer zibiri z’ibere, ihohoterwa rifatiye ku gitsina yakorewe ari muto cane, kwigarurirwa n’ibiyovyabwenge n’ibindi.
Naho yavukiye mu muryango ukomeye kandi utunze, Zoleka mu gitabo ciwe avugamwo amakuba n’ingorane yagiye aracamwo. Aha Zoleka akavuga nko gusambanywa kuva afise imyaka ine kugeza mu myaka cumi n’iyindi, hamwe no kuganzwa n’urumogi n’inzoga ariko agatinda akabinesha.
Zoleka Mandela akaba yari ambasaderi wa ONU kw’ isi mubijanye n’indwara zitandura.
Freddy NKURUNZIZA