Inama ihuza uburusiya n’ibihugu vya Afrika I Saint-Pétersbourg yitabwe n’abakuru bibihugu bake cane ugereranije n’iyabaye muri 2019
Ibihugu 49 nivyo vyari vyitezwe guserukirwa munama ihuza ibihugu vya Afrika n’Uburusiya kumagenekerewo ya 27 na 28 ukwezi kw’indwi 2023. Ariko abakuru b’ibihugu bemeye ubutumire bwa Prezida Poutine w’Uburusiya baharurwa muri 20 mugihe mumwaka w’2019 Prezida Poutine yari yitabwe n’abakuru b’ibihugu vya Afrika 43.
Ibihugu bisanzwe ari soma mbike n’uburusiya akaba arivyo vyaserukiwe n’ababirongoye. Aha twovuga nka
Prezida wa Afrika y’epfo Cyril Ramaphosa, uwa Congo Brazzaville Denis Sassou-Nguesso, uwa Egypte Abdel Fattah al-Sissi, uwa Zimbabwe Emmerson Mnangagwa, hamwe na lÉrythreya Issayas Afewerki.
Abandi bakuru b’ibihugu vya Afrika bitavye iyo nama ni abariko baragerageza gukomeza ubucuti n’uburusiya, nk’Uburundi, Centre-Afrika, Mali, Bourkina Faso.
Félix Tshisekedi wa Republika ya demokarasi ya Congo yasivye muri iyo nama kumunota wanyuma, nayo ibindi bihugu birenga 30 vyarungitse abashikiranganji.
Freddy Nkurunziza
Iyo ukoresha ifoto yuyumunsi se ntukoreshe iya 2019, wabuze aho uyikura ngo ukuremo bariya ba perezida batakiyobora