Intwazangabo n’abandi basirikare batari bake, barahagaritswe kumusi wa gatatu bagirizwa gufasha intagondwa gushika mukibanza zaturikirijemwo i bombe
Igitero c’intagondwa z’umuhari Al-Shebab cabaye kumusi wa mbere i Mogadisho nticatevye kugira inkurikizi. Abasirikare 3 b’intwazangabo harimwo uwufise ipete rya Colonel hamwe n’abandi basirikare batari bake baratawe muri yompi kumusi wa gatatu. Bagirizwa kuba barafashije bongera barorohereza intagondwa za Al-Shebab gushika mukibanza zaturikirijemwo i bombe kumusi wa mbere.
Ihagarikwa ryabo basirikare abategetsi ba Somaliya barigize ibanga, kugirango ntibishire ahabona ko mugisirikare ca reta harimwo abakorana n’imirwi y’iterabwoba icuditse na Al- Qaïda.
Yaba reta canke igisirikare ca Somaliya, ntibigeze bashikiriza ikintu na kimwe kijanye n’ico gitero cahitanye abasirikare barenga 20 bari batonze imbere y’ishure rya gisirikare.
Ivyo gucengetera inzego za reta n’igisirikare, akaba ari umwe mumikenyuro ikunze gukoreshwa n’umuharia Al-Shabab mukwiha inkumbi muri Somaliya. Amwe mumakuru ava i Mogadisho akaba amenyeshako hari haheze igihe haba mw’ibanga, ifatwa ry’abasirikare ba reta bikekwako ububisha nkubwo no guhemukira igihugu.
Nkurunziza Freddy