Kubera kubura ico arya nico agaburira umwana, umukenyezi w’impunzi yahisemwo kwiyahura no kwica umwana wiwe
Ivyo bintu biteye agahinda vyabaye muri iyi ndwi mw’ikambi y’impunzi ya Kakuma mugihugu ca Kenya.
Kubera kwicwa n’inzara hamwe n’agahinda ko kubura icagaburira umwana wiwe, umukenyezi aturuka mugihugu ca Sudani yahisemwo kwaka ubuzima umwana wiwe nawe nyene aca ariyahura.
Nk’uko amakuru ava mw’ikambi y’impunzi ya Kakuma abivuga, ngo ababanyi basanze ibiziga bibiri munzu, ni ukuvuga ikiziga c’umwana na nyina, ariko guhita batabaza.
Impunzi muriyo kambi baremeza ko inzara izura inzara muri iyo kambi ariyo yatumye iryo bara rirwa.
Bakaba bidoga cane kubera ubuzima bubi babayemwo, bagatera akamo amashirahamwe HCR na PAM hamwe n’ayandi mashirahamwe y’abagiraneza, kubagarukirako muri ubwo buzima bubi babayemwo.
Uyo mukenyezi w’umunya Sudani Yepfo yaba muri zone ya 1 mw’ikambi ya Kakuma 4, akaba yaramaze amezi 3 ataronswa infungurwa zitangwa na PAM. Mugihe rero amashirahamwe HCR na PAM atokongereza uburyo bwo kwitaho impunzi, ngo inganda zishobora gutikira mumpunzi nkuko babivuga.
Ikambi ya Kakuma na kalobeyei mugihugu ca Kenya ikaba irimwo impunzi ibihumbi 200, abarenga ibihumbi 25 akaba ari abarundi.
Nkurunziza Freddy