Abasirikare b’Uburundi bazindutse baratana mu mitwe n’Interahamwe zicumbitse mukibira ca mabayi kuri uno wa gatanu
Amasase menshi yazindutse arumvikana ahitwa Kivogero mumicungararo ya Paroisse Mabayi.
Amakuru ava muri komine Mabayi avugako zari inyeshamba z’interahamwe zisanzwe zicumbitse mukibira ca Mabayi.
Abo barwanyi b’interahamwe bari bavuye muri ico kibira bagiye kurondera ivyo basahura mumihana no mumirima; ariko abasirikare b’igihugu bakorera muri ako karere baba babimenye, ari naho baca batana mumitwe.
Ayo makuru nyene amenyeshako hapfuye interahamwe 3, uyundi umwe arakomeraka.
Kuruhande rw’abasirikare b’igihugu naho ngo hoba hakomeretse babiri.
Fréddy NKURUNZIZA.