Impunzi z’Abarundi n’izo muri Sudani zararwanye bikomeye abatari bake barakomereka mu ikambi ya Kakuma mugihugu ca Kenya.
Intandaro ya vyose, impunzi ziva muri Sudani zatwaye ibidandazwa vy’Umurundi i Kalobyei hasanzwe hariko haragurirwa ikambi ya Kakuma, izindi mpunzi z’Abarundi nazo ziza gutabara mugenzi wabo agiriwe nabi.
Nkuko amakuru dukura I Kakuma abitumenyesha, ngo mundwi iheze impunzi z’abanyasudani ni zo zakweze intambara mu kurya ibitumbura, zongera ziha itabi muri boutique y’Umurundi ku nguvu, kandi ngo ntibwari ubwambere.
Abibonye bakavuga ko nyene iyo boutique yaciye atabaza, benewabo nabo baca barabanguka.
“Wamengo Abarundi bari barindiriye imbarutso canke ico bafatirako kugira ngo bereke Abanyasudani ingene intama zambarwa. Akajagari kaciye kaduka bararwana. Ku mpande zose hari abakomeretse. Abanyasudani 7 n’Umurundi umwe bari mu bitaro. Iyo abacunga umutekano bataharenguka, ibara riba ryaraguye”, uko niko ababibonye babivuga.
Umwe mundongozi zo muri iyo kambi ya Kakuma agira ati: “Abanyasudani na cane cane abo mu bumanuko bitwara nk’abarwanyi. Batera ubwoba bose ngaha kandi basa n’abatanga amategeko. Bari bamaze kugirira nabi kenshi Abarundi bakababuza kuvoma, bakabiba amapikipiki n’amakinga. Ni co gituma ata n’umwe yigeze yiyumvira gutabara abo banyasudani bariko barakubitwa n’Abarundi”.
Aha rero bamwe mundongozi muri iyo kambi bagatinya ko hashobora kuba ivyo kwihorana canke kurwana gufatiye kubihugu bitandukanye bavamwo.
Impunzi z’Abarundi bafadikanije n’Abakongomani bagasaba ko hokongerezwa abajejwe umutekano muriyo kambi, mugihe aribo bavugako bama batewe nabo bava muri Sudani
Kakuma na Kalobeyei zirimwo impunzi zirenga ibihumbi 200. Abarundi bakaba barenga ibihumbi 25, abandi bakaba bagizwe ahanini n’abakongomani hamwe n’abanya Sudani.
Fréddy Nkurunziza