Umugabo bibazako yoba adakomeye neza mumutwe kumusi wa kane yarihaye ibara mukwica bunyamanswa nyina amuvyara, umugore wiwe n’umwana wiwe muri Komine n’intara ya Kirundo muburaruko bw’igihugu.
Iryo bara ryaguye kumusi wa kane kumutumba Cumva, zone Gikuyo muri komine Kirundo intara ya Kirundo. Umugabo azwi kw’izina rya Marc Rushatsumugabo yicishije agafuni (isuka) nyina amuvyara w’imyaka 70, umugore wiwe w’imyaka 33, hamwe n’umwana wiwe w’amezi 10.
Umugore wiwe niwe yahereyeko kwica nkuko ababibonye babivuga:
“Mugihe yaravuye mubikorwa vyo mumirima, umugabo wiwe Marc Rushatsumugabo yaciye amusimbirako n’agafuni aramwica hamwe n’umwana yarahetse mumugongo”.Uko niko umwe mubabibonye abivuga.
Nyina wa Marc Rushatsumugabo yaje aje gutabara nawe nyene yaciye yicwa. “Yaraje gutabara umukazana wiwe, ariko umuhungu wiwe ntiyatavye kumwica nawe. Vyari biteye ubwoba n’agahinda”. Uyo ni umwe mubabanyi bagihinda agashitsi.
Uwugira kane yacitse kw’icumu n’uwundi mwana wuwo mwicanyi. Muri kino gihe akaba ari mubitaro vyo mukirundo aho ariko aravurirwa aho yakomerekejwe. Nyene kwiha inkumbi Marc Rushatsumugabo akaba yarahagaritswe n’igipolisi. Bamwe bakibaza ko yoba adakomeye neza mumutwe, abandi nabo bakavuga ko ubwo bwicanyi yari yarabuteguye.
“Marc Rushatsumugabo asanzwe ari umurimyi. Imisi yose aba ari mumirimo yiwe. Twibaza ko yari yabiteguye”. Ivyo bivurwa n’umwe mubo mumuryango wiwe.
Mugipolisi bavuga ko batanguye amatohoza yo kumenya ico ubwo bwicanyi bwavuyeko no kumenya ko uyo mugabo yoba akaomeye neza mumutwe. Iyi nkuru tuyikesha SOS medias Burundi.
Fréddy NKURUNZIZA
Rwandatribune.com